Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/12/2023

Publié le 11 décembre 2023 par Rédaction

 

  1. Imyaka umunani irarumanye habaye ubwicanyi bwagahomera bunwa bwa kozwe n’inzego z’umutekano mu ma quartiers ya Ngagara,Nyakabiga na Musaga hari kwigenekerezo rya cumi na rimwe kigarama 2015 inyuma yigitero cumurwi witwaje ibirwaniye wagize kumakambi amwe amwe yo mugisagara ca Bujumbura. Ubwo bwicanyi bukaba ahanini bwahitanye imisore yaba muri ayo ma karitye yiyamirije ikiringo ca gatatu ca petero nkurunziza.
  2. Abakoze ubwo bwicanyi bwagahomera bunwa ntibasye bwose. Bitebe bibitebuke intahe izobakubita mugahanga. Ivyo bivurwa na Gustave Niyonzima arongoye urunani rwamashirahamwe aburanira abashikiwe nivyago CAVIB aho avuga ko ubutungane mpuzamakungu buzokora kandi ko ubu intambwe iyo dosiye igezeko ishimishije.
  3. Abasirikare b’abarundi barenga 500, bavuye i Goma bagirizwa kwanka kuja guhangana n’umuhari m23 bashikanywe mu Burundi ku mugoroba wo ku musi wa gatandatu. Bugaraniwe mwikambi yo ku Muzinda na Mujejuru, aho ata musirikare yemerewe kubegera kiretse abo mwiperereza rya gisirikare. Abasirikare bagenzi babo babatabariza ko bashobora kugirirwa nabi.
  4. Hariho abarundi b’impunzi baba cane cane mu bihugu vya Canada na Leta z’unze ubumwe za Amerika bategerezwa gutahukanwa ubutungane bukabakubita mu gahanga kubera imvugo zabo zibiba urwanko n’amacakubiri , ivyo vyasabwe na Jean de Dieu Mutabazi arongoye umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya ivyaha vy’ihonyabwoko , ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha bikorerwa kiremwa muntu . Yabivuze mu gihe hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ivyo vyaha kw’igenekerezo ry’icenda kigarama uko umwaka utashe. Jean de Dieu Mutabazi yasavye kandi leta y’Uburundi ko yokwemeza ko ubwicanyi bwabaye mu mwaka w’i 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe abahutu.
  5. Jean de Dieu Mutabazi ngo ntacigwa na kimwe yoha abarundi bari hanze bagwanya ihonyabwoko, bivugwa n’umunyamabanga w’ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko AC GENOCIDE , igisata co muri CANADA Emmanuel Nkurunziza . Ahubwo asabako Jean de Dieu Mutabazi ko yobanza kwishura amabi yakoze mu magume yo mu 1993 aho yari arongoye umurwi w’urwaruka rw’umugambwe Frodebu. Emmanuel Nkurunziza avugako umurwi w’igihugu urwanya ihonyabwoko utarukwiye kurongogwa n’abantu bafise ivyo bagirizwa bijanye n’amacakubiri .
  6. Ibintu biguma biyangara uko imisi igenda. Ubuho mu gihugu bisa n’uko ata na hamwe hakivugwa igitoro. N’ikimenyamenya n’imodoka zimaze igihe zitonze imbere y’amastasyo, abatari bake bakaba barihebuye, ubu bakaba bariko bacumukura baja kukironderera i Congo, na ho nyene bikaba bitaborohera na gato. Igitandaza abatari bake n’uko reta yo nyene, ibicishije ku mushikiranganji w’Amasoko ntanganguvu, yari yemeje ko ubu ata nzitizi igihari, igitoro kigiye kuboneka.
  7. Uburundi bwaratsinzwe bimwe vy’akamaramaza ku munsi wa gatandatu hariya i Kigali, mu rukino rwa basket. N’urukino  rwahuje abakinyi bakinye neza  mw’ihiganwa ryo mu Burundi uyu mwaka hamwe n’abakinye neza mu gihugu c’urwanda. Abarundi bakaba barushijwe amanota 29 yose. Aho ni mu gihe mu rukino rwari rwabereye i Bujumbura,Uburundi bwari bwatsinze bigoranye amanota 3 gusa. Turarabira hamwe naho inkino mw’ishirahamwe rya volley i Bujumbura zigeze.

 

 

Ibindi bisa n'ibi