I. Uwurongoye umugambwe CNL ku mutumba Rusiga wa komine Rugombo y’intara ya Cibitoke, ntawuzi irengero ryiwe inyuma yo guhagarikwa n’uwurongoye imbonerakure haraheze indwi irenga. Abegereye umuryango wiwe bavuga ko abamufashe baciye bagenda baja ku ruzi Rusizi ku w’Imana igenekerezo rya 02 z’ukwezi kwa mbere. Ayandi makuru akavuga ko yoba ariko araborezwa igufa n’abarongoye iperereza mu ntara ya Cibitoke. Abegereye umuryango wiwe basaba ko yorekurwa kuko ata co ariko arazira.
II. Ubwoba ni bwinshi mu mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. N’inyuma y’aho kuri uyu wa gatatu bamwe mu bari mu nzego za leta aho muri Tanzaniya bagendeye iyo kambi bakabonana n’abayicunze. Amakuru dukura aho yemeza ko bari baje kuraba aho igikorwa co gutemagura imirima kigeze, izo mpunzi zigasaba ko agateka kazo kokubahirizwa.
III. Biratangaje kubona impunzi z’abarundi ari zo ziriko ziratotezwa mu gihugu ca Tanzaniya, izindi mpunzi ziva mu bindi bihugu zigafatwa hubahirijwe amategeko. Biri mw’ikete urunani CFOR Arusha rwiyemeje guharanira iyubahirizwa ry’amasezerano y’amahoro ya Arusha rwandikiye umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Samia Suluhu Hassan kuri uyu wa mbere, inyuma y’amabi atandukanye amaze imisi akorerwa impunzi z’abarundi mu makambi ya Nduta na Nyarugusu. Kubwa Frederiko Bamvuginyumvira, icegera c’uwurongoye urunani CFOR Arusha, leta ya Tanzaniya itegerezwa gufata neza izo mpunzi nk’abantu, hubahirijwe agateka kazo.
IV. Indimi z’amahanga n’intambamyi nyamukuru ituma abarundi badakunda guhurumbira gukora mu mashirahamwe yo mu karere canke mpuzamakungu. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’imigenderanire no gufashanya n’amakungu, igihe yariko arasigurira abashingamateka integuro y’itegeko ritanga uburusho mu karere ka Afrika y’ubuseruko kuri uyu wa kabiri. Albert Shingiro atera akamo abarundi kwijukira gusaba ubuzi mu mashirahamwe mpuzamakungu n’ayo mu karere. Ariko mu muhari MAP Burundi Buhire, bo babona ko hakenewe nyabuna indinganizo yo gutegura abarundi bashobora kuja guhiganirwa ibibanza bitandukanye, hadashizwe imbere ivya politike n’aka mwana wa mama.
V. Abatanga inyigisho za gisirikare ziha uburenganzira abasirikare bariko baca inkofero y’icatsi mu kigo ca commando i Gitega co kimwe n’abarongoye izo nyigisho, umwe wese ategerezwa guhanirwa icaha yakoze. Bisigurwa na Méthode Ndikumasabo, umwigisha wo muri kaminuza yanonosoye ivy’amategeko mpuzamakungu no gutatura amatati. N’inyuma y’aho hari abasirikare indwi bahora bari gukurikirana izo nyigisho bahasize ubuzima, inyuma yo gukubitwa inkoni. Méthode Ndikumasabo abona ko aboja kw’isonga mu guhanwa ari abarongoye ivyo vyigwa, kuko ari nabo baraba ku munsi ku munsi ko ibintu biriko bigenda neza.
VI. Abadandaza hamwe n’abaguzi bariyamiriza ico bita inyuruzwa ry’umwimbu w’ibigori. Bavuga ko igihe babiguriwe na leta, bari biteze ko bibagarukako ku giciro kibayabaye, ariko bakaba batigeze basubira kubikubita ijisho kw’isoko. Radio Inzamba ikaba yagendeye intara za Rutana na Makamba kuri ico kibazo.