I. Amabi y’agahomerabunwa yariyongereye mu Burundi mu mwaka uheze. Ivyo bimenyeshwa n’ishirahamwe Ligue Iteka riharanira agateka ka zina muntu. Iryo shirahamwe rikaba ryasohoye icegeranyo c’uwo mwaka wa 2022, aho ryerekana nk’akarorero ko abantu barenga 460 bishwe, abandi barenga 40 baranyuruzwa. Anschaire Nikoyagize arongoye ligue Iteka akavuga ko ivyo bitigiri biri kure y’ivy’abagiriwe amabi vy’ukuri.
II. Umunyororo azwi kw’izina rya Nzeyimana batazira Gasongo yahohoteye ku mutaga w’uno wa kane umupfungwa mugenziwe Floriane Irangabiye. Nk’uko bivugwa n’ababibonye, ivyo vyose vyabaye hari abakozi b’ibohero barorera co kimwe n’imiryango yarije kuraba ababo bapfungiwe mw’ibohero rya Muyinga. Amakuru ya nyuma dukura aho n’uko iryo bohero ryugawe imbere y’igihe cari gisanzwe gitegekanyijwe; bigakekwako vyoba vyatewe n’ivyo vyashikiye Floriane Irangabiye.
III. Hari umukenyezi wo mw’ikambi y’impunzi ya Lusenda muri Republika iharanira demokrasi ya Congo yakorewe ivya mfurambi imbere y’umugabo wiwe n’abana. Ababikoze, ni abari bitwaje inkoho batashoboye kumenyekana, hakaba hari mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 9 rishira igenekerezo rya 10 kuno kwezi. Ababanyi babona ko ibikorerwa mw’ikambi ya Lusenda bisigaye bisiga ubwenge, kuko n’abitwa ngo babacungerera umutekano ivyo vyose biba birorerera. Basaba igisata kijejwe impunzi HCR gukora ibishoboka vyose bakabacungerera umutekano.
IV. Kubwa Léopold Sharangabo, ngo harakwiye amatohoza yigenga yerekana uruhara rw’abajejwe umutekano bo muri Congo mu mabi akorerwa impunzi z’abarundi. Ntivyumvikana ukuntu imigwi yitwaje ibirwanisho yokwinjira mw’ikambi igafata ku nguvu abakenyezi, mu gihe bizwi ko iyo kambi ya Lusenda icungerewe n’abasirikare n’abapolisi bayikikuje. Léopold Sharangabo, icegera c’umukuru w’urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi CBDH-VICAR, asaba ishirahamwe ryitaho impunzi HCR kurondera ahandi boshira izo mpunzi.
V. Kw’igenekerezo ry’icenda muri uku kwezi turimwo, leta y’Uburundi yaremeje yongera iratera igikumu ku mategeko agenga urwaruka muri Afrika, Charte africaine de la jeunesse mu gifaransa. Uburundi rero bukaba bwiyemeje guharanira agateka k’urwaruka hakurikijwe ayo masezerano yashizweho n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, mu mwaka wa 2006.
VI. Ishirahamwe AC Genocide igisata co mu gihugu ca Suède ririyamiriza imvugo y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aherutse gukoresha, asigura igituma ababuze ababo mu bwicanyi bwakorewe abanyeshure n’abarezi babo bo mu bwoko bw’abatutsi kw’i Bubu mu Kibimba, mu mwaka wa 1993 babuzwa kuja kubibuka no kubunamira. AC Genocide Suède bavuga ko umukuru w’igihugu ariko agomba kwibagiza abarundi n’amakungu ubwicanyi bwabaye uwo mwaka. Liliane Nindereye arongoye ishami ry’ishirahamwe AC Genocide CIRIMOSO mu gihugu ca Suède, asaba nyabuna ko aho kubuza abaja kwibuka ababo, ababahekuye bafatwa bagahanwa kuko icaha bakoze ari ihonyabwoko. Mwomenya ko Evariste Ndayishimiye yari yamenyesheje ko ababuze ababo kuri iyo taliki bose bogira icibutso kimwe.
VII. Imyidogo ni yose mu badandaza bakorera kw’isoko nkuru y’i Matana mu ntara ya Bururi. Iyo myidogo ikava ku mafranga yo gukotesha ibibanza bakoreramwo yadugijwe vy’umurengera kandi batagishijwe inama. Ikibanza cahora ku bihumbi 36.000, ubu kigeze ku bihumbi ijana. Bavuga ko bituye abajejwe intwaro ku ruhande rwa komine Matana co kimwe no ku rwego rw’intara, ariko ntanyishu bigeze baronka.