I. Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Sudani, Omar El Bechir, agiye gushikirizwa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La Haye, ivyo bikaba vyaraye bimenyeshejwe n’umukuru w’inama nkuru y’igisirikare irongoye igihugu vy’imfatakinza. Omar El Bechir akaba yakombowe ku butegetsi n’abasirikare kuwa 11 Ndamukiza 2019, bivuye ku myiyerekano y’abanyagihugu yamaze amezi ane. Omar El Beshir yagirizwa ivyaha vy’agahomerabunwa vyakorewe abanyagihugu bo mu ntara ya DARFUR.
II. Inyuma yaho hamenyekaniye ko leta ya Sudani igiye kurengutsa uwahora atwara ico gihugu, Omar El bashir, mu butungane mpuzamakungu mpanavyaha; mw’ishirahamwe CB-CPI riharanira ubwo butungane mu Burundi, barashimye intambwe yatewe ku neza y’abakorewe ivyaha bihanwa n’iyo sentare, Me Lambert Nigarura arongoye CB-CPI asigura ko umwanya wonyene ariwo mucamanza wa mbere, kuko werekana ko hari ivyaha bidaheranwa. Tukibutsa ko muri iryo shirahamwe, bamaze imyaka ingana n’ikiringo kigira 3, Petero Nkurunziza amaze ku butegetsi baharanira ko ivyaha bihanwa n’iyo sentare vyakorewe abarundi ku ntwaro yiwe, vyoteba bigakurikiranwa.
III. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu barakwije kuri uno wa gatatu iminsi 114, bafungiwe mw’ibohero rya Bubanza. Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare y’igihugu yo mu ntara ya Bubanza. Abacamanza bari bashashe muri urwo rubanza yari Parfait Muvunyi, umukuru w’intahe, Ihuwitonze Eric hamwe na Kaneza Clarisse, asanzwe arongoye sentare nkuru y’igihugu y’intara ya Bubanza. Icariho c’umushikirizamanza akaba yari yabasabiye gufungwa imyaka 15. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 gitugutu umwaka uheze, bagiye gutohoza amakuru muri komine ya Musigati ahariko habera intambara hagati y’abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI na Egide HARERIMANA, bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Amashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu n’ay’abamenyeshamakuru yaba ayo mu Burundi na Mpuzamakungu, bavuga ntibasiba gusaba na ntaryo irekurwa ry’abo bamenyeshamakuru, aho bavuga ko ata kindi bariko barazira, atari umwuga wabo wo kumenyesha amakuru.
IV. Ku mutumba Myugariro, wa komine Muruta, mu ntara ya Kayanza hari umugabo w’imyaka 47 yaraye yishwe aciwe umutwe, n’abantu bamusanze muhiriwe bataramenyekana. Uwo mugabo yitwa Albin Nyandwi, ikiziga ciwe catowe mu bucagucagu bwo kuri uno munsi wa gatatu. Mu muryango wiwe bavugako uwo muntu yarabanye neza n’ababanyi, bakavugako bataramenya abamwishe n’ico bamuhora. Mu gipolisi bamenyesha ko batanguye amatohoza.
V. Ishirahamwe FOCODE ryatanguje kuri uno wa gatatu, isekeza ryise “Rekura Nganjiyimana’’. Iryo sekeza ngo n’iryo kwerekana akarenganyo kariko karagirirwa umuryango wa Théogène NDIKUMANA, umunyamabanga w’umugambwe CNL muri komine NYABIRABA y’intara ya Bujumbura. Abicishije muri iryo sekeza, Pacifique NININAHAZWE arongoye FOCODE, asaba irekurwa ry’umukenyezi n’umwana wa Théogène NDIKUMANA, bamaze amezi yababa 6 bafunzwe mu kibanza ca serugo.
VI. Abanywanyi icenda b’umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa bafungiwe mu gasho k’igipolisi muri komine Isare, mu ntara ya Bujumbura, kuva kuri uyu wa kabiri. Abo banywanyi bose ni abo ku mutumba Nyambuye, bahagaritswe n’uwurongoye uwo mutumba kw’itegeko rivuye mu biro bikuru vy’umugambwe CNDD-FDD i Bujumbura, bagirizwa gutunganya inama zitazwi n’amategeko.
VII. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ahamagarira abarongoye ama komine kworohereza abarondera impapuro zija mu ma dossier yabo, bazoha umurwi CENI utunganya amatora. Abivuze mu gihe hari bamwe mu batwara ama komine bahora babanza kuraba ko uwuzisaba yoba yaraterereye amafaranga yo gutunganya amatora. Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’intwaro yohagati mugihugu.
VIII. Umukuru w’aba Sungusungu bo mw’ikambi ya Nduta, muri Tanzaniya, azwi kw’izina rya Charles Nshimirimana, yarahungiye ku kirindiro c’igipolisi ca Tanzaniya. Ivyo yabikoze inyuma y’aho aronkeye amakuru, ko umuntu yanyuruje afadikanije n’igipolisi ca Tanzaniya, mu nyuma akarungikwa mu Burundi yahavuye arekurwa. Charles Nshimirimana akaba azwi ko afise uruhara runini mu kunyuruza abantu, afadikanije n’igipolisi ca Tanzaniya. Abarundi bahungiye muri iyo kambi ya Nduta, basaba ko igipolisi ca Tanzaniya, coshikiriza ubutungane uyo muntu.