I. Umunywanyi w’umugambwe CNL wo ku mutumba Kibande komine Giheta, intara ya Gitega, yakubiswe arashaya, n’imbonerakure zo kuri uwo mutumba ziri kumwe n’uwurongoye uwo mutumba. Ivyo bikaba vyabaye ku mugoroba wo kuri uwu wa kane. Amakuru dukura kuri uwo mutumba akavuga ko uwo yakubiswe yahavuye yitaba Imana bamushikanye kwa muganga. Abo banyagihugu bagasaba abarongoye iyo ntara guhana ivy’akarorero abagirizwa gukora iryo bara, harimwo n’uwurongoye uwo mutumba.
II. Naho hacibonekeza ubwicanyi mu gihugu, ivyo ntivyabujije ubumwe bwa bulaya gukura ibihano bwari bwafatiye Uburundi kuva muri 2016. Ivyatumye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD n’amashirahamwe uwushigikiye bazinduka kuri uyu wa gatandatu, mu myiyerekano bise iyo gushima iyo ngingo. Umwe mu bari bitavye iyo myiyerekano, yavuze ko amakungu yagiye aratahura y’uko abarundi bahowe ubusa, mu gufatirwa ingingo.
III. Musitanteri wa komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro, yaraye akombowe mu mabanga yo kurongora iyo komine. Ingingo yo kumukombora yafashwe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Ruhuhuma uno mwaka, ifatwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere ridakumira. Yagirizwa guta icizere c’abanyagihugu kubera inyifato yiwe iteye isoni.
IV. Amashirahamwe yigenga ahejeje gusohora urwandiko, aho atera ivyatsi ivyemejwe n’umugwi CVR ko ubwicanyi bwo mu mwaka wa 1972, ari ihonyabwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw’abahutu. Ayo mashirahamwe asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU gushiraho umugwi wigenga w’amatohoza kuri ubwo bwicanyi n’ubundi bwabaye mu Burundi, hongere hashirweho n’ingene ivyo vyaha vyohanwa. Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, FORSC, niwe yavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe.
V. Abarongoye ibihugu bigize akarere k’ibiyaga binini, bakwiye kwicarana bakiga ingene botorera inyishu ikibazo c’impunzi. Bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR Arusha, mu gihe impunzi z’abarundi bo mu bwoko bw’abatutsi bo mu makambi ya Lusenda na Mulongwe batewe umutima uhagaze, n’amacakubiri afatiye ku bwoko arangwa muri ayo makambi, aho abanyekongo bo mu bwoko bw’ababembe bababwira ko badakeneye ubwoko bw’abatutsi mu gihugu cabo. Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, abantu bakibona ko ukunezerwa kwabo ari kubona ko ubundi bwoko buri kure yabo, barahihendera.
VI. Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi, duca irya n’ino itunganywa ry’inama rukokoma mu gisata c’indero mu Burundi, inama itegekanijwe uyu mwaka. Intumbero ikaba ari iyo gutorera inyishu ibibazo bihanze ico gisata muri rusangi.