Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/03/2021

Publié le 12 mars 2021 par Rédaction
I. Amashirahamwe arenga 8000 yigenga ni yo ari mu Burundi kandi ngo akorera mu bwigenge ntangere. Ivyo vyaraye bishikirijwe I Geneve mu bu Suisse na Tabu Renovat yaserukiye Uburundi mu nama ijejwe agateka ka zina muntu muri ONU, mu gihe hariko hashikirizwa icegeranyo kijanye n’ukuntu agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi. Ariko Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE rimwe mu mashirahamwe yafuswe mu Burundi, aratera ivyatsi imvugo ya Tabu Renovat, aho avuga ko ari ikinyoma c’ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwihaye gushikiriza ku rwego mpuzamakungu.
II. « Kugira ibintu bihinduke mu vyerekeye agateka ka zina muntu mu Burundi, ntibizova ku vyegeranyo vyama bitangwa n’umugwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi. Bizova ku barundi ubwabo, bazohaguruka bakabwira ubutegetsi bw’i Gitega ko butobandanya bubonako ko Uburundi ari igihugu bwafashe n’umuheto. » Bishikirizwa na Frederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha. Ni inyuma yaho umugwi wa ONU ushikirije kuri uyu wa kane i Geneve ko agateka ka zina muntu kacifashe nabi cane mu Burundi.
III. Ibisigarira vy’abantu bane harimwo umwana akiri muto cane, ni vyo vyazuwe mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu mu kinogo c’akazu ka surwumwe katari kagikora. Bikaba vyazuwe n’abajejwe intwaro n’umutekano ku mutumba Ruhehe komine Bugabira, mu ntara ya Kirundo, ku rugo rw’uwitwa Joseph Mutima, uwo nawe akaba ari mu minwe y’igipolisi.
IV. Ibihugu biriko bikwega amaguru mu kwitabira urucanco rw’ikiza ca Covid-19 ngo bishobora kuzogira ingorane muri kazoza. Izo nazo ni nko guciribwa umukenke n’ibindi bihugu, kubura abantu bishwe n’ico kiza kandi batopfuye iyo baronswa urwo rucanco, no kubura imfashanyo kuko batifadikanije n’ayandi makungu mu kurwanya ikiza cateye isi. Ivyo bivugwa na Come Konakuze, umushakashatsi mu ndwara zandukira munsi y’ubugararwa bwa Sahara. Come Konakuze akaba abivuze mu gihe isi yose iriko irondera incanco z’abanyagihugu kugira bakingirwe ico kiza. Mu Burundi umukuru w’igihugu akaba yamenyesheje ko urwo rucanco rudakenewe. Mwokwibuka ko ibihugu bimwe bimwe nk’Ubufaransa bimaze kwanka ko abantu bava mu gihugu ca Tanzaniya batemerewe kwinjira muri ico gihugu. Tanzaniya n’Uburundi bikaba biri mu bihugu bitingeza neza mu karere k’ibihugu vy’akarere bigatungwa urutoke n’ishirahamwe OMS rijejwe amagara y’abantu kw’isi.
V. Kuva kuri uyu wa kane, isoko nkuru yo mw’ikambi ya Nyarugusu yarugawe n’abajejwe ikambi aho mu gihugu ca Tanzaniya. Bamwe mu mpunzi bakavuga ko ari uruhombo runini kuri bo, bakabona kandi ko iyo ngingo atakindi igamije atari ugushaka ko bicwa n’inzara ngo bikunde bemere gutahuka ku nguvu. Umwe muri bo yaganiriye na  radiyo Inzamba.

Ibindi bisa n'ibi