I. Ikiziga c’umukenyezi yibungenze caratowe kuri uyu wa kabiri mu ruzi Ndurumu ku mutumba Muyange muri komine Bugenyuzi, ni mu ntara ya Karuzi. Uwo mukenyezi yaciye ahambwa ubwo nyene, nk’uko vyemezwa na musitanteri wa komine Bugenyuzi avuga ko abajejwe intwaro n’igipolisi batashoboye gutora aho uwo mukenyezi akomoka.
II. Abantu 123 ni bo bamenyekanye ko bagandaguwe mu kiringo c’amezi atatu gusa, abagera kuri 4 baranyurujwe baraburwa irengero, mu gihe abantu barenga 30 bakorewe amabi ashingiye ku gitsina. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, umuhari Ligue Iteka, casohotse kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2023. Anschaire Nikoyagize, arongoye uyo muhari amenyesha muri abo bishwe ko harimwo abatowe ibiziga baca bahambwa gihutihuti, ata matohoza akozwe ngo hamenyekane ababagandaguye. Agasaba leta gukoresha inzego zayo kugira ubutungane bukore amatohoza, kandi buciye imanza abagiriwe n’ubwo bwicanyi.
III. Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu mabohero atandukanye ari mu gihugu ryibonekeza mu buryo bwinshi: ubukene bw’imfungurwa, kwima impusha abanyororo zo kuja kwivuza, n’ibitigiri vy’umurengera mu mabohero. Ivyo biri mu cegeranyo c’amezi atatu c’ishirahamwe ACAT-Burundi rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi. Abanyororo baturuka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD bafadikanije n’abajejwe intwaro mu mabohero, bakaba badomwako urutoke muri ubwo bubisha.
IV. Amazu 63 yaraye agurutse mu gisagara ca Rumonge mw’ijoro ry’uwa kabiri rishira uwa gatatu, bivuye ku mvura yaguye muri ico gisagara. Amakuru ava aho muri ico gisagara ca Rumonge avuga ko ayo mazu yasidutse ari ayo ku mutumba Mugomere na Gihwanya. Hampande y’ayo mazu, ibirasi bitatu vyo kw’ishure Centre urbain, mu gisagara ca Rumonge nyene, vyarasambutse. Abashikiwe n’ivyo vyago bakaba basaba kugarukirwako.
V. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bafise amazu yugawe biturutse ku bayakoreramwo bahoze badandaza ububare mu ntara ya Rumonge. Basigura ko badatahura impamvu amazu yabo yugarwa kandi atari bo bakoze ivyaha. Amakuru dukura muri iyo ntara amenyesha ko hari kamwana wa mama mu gufata ingingo zo kugurura ayo mazu, aho buramatari aheruka kugurura inzu imwe mu zugawe. Bagasaba buramatari w’intara ya Rumonge kubaha impusha kugira ngo bugurure amazu yabo akorerwemwo ibindi. Uruganda rwa radiyo Inzamba Agateka kawe rwarondeye kuri terefone buramatari w’intara ya Rumonge Léonard Niyonsaba, kugira aduhe umuco kuri iyo myidogo y’abanyagihugu, akaba yatumenyesheje ko ababisavye, bavyemerewe ariko babujijwe kuhadandariza ibinyobwa vya Brarudi.
VI. Imyidogo ni myinshi mu mpunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya bagendana indwara zikomeye. Bidoga bavuga ko bamaze umwaka bataronswa uruhusha bita transfert mu rurimi rw’igifaransa, rubafasha kuja kwivuza ahandi mu bindi bitaro. Ikibabaje, ngo n’uko hamaze no kwibonekeza abitaba Imana kubera babuze uko babigenza.