Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/05/2023

Publié le 12 mai 2023 par Rédaction
I. Hari ikiziga c’umwigeme catowe mu gitondo co kuri uyu wa gatanu, aho uruzi Murembwe rwisukira mu kiyaga Tanganyika. Ni hagati y’ama zone ya Gatete na Rumonge, muri komine n’intara ya Rumonge. Uwo mwigeme yamenyekanye. Yitwa Lydia, aturuka i Mayuyu muri komine Mukike mu ntara ya Bujumbura. Yahora akorera mu gisagara ca Rumonge, aho yisumamwo. Amakuru ava mu ba nyarumonge akanemezwa na bamwe mu masoko mu gipolisi, avuga ko uwo mwigeme yitaye muri urwo ruzi ku musi wa kabiri mu gitondo. Ikiziga ciwe catowe n’abapolisi hamwe n’abo mu muryango utabara imbabare Croix Rouge. Kuri uwu wa kane, hari ikindi kiziga c’umwana w’imyaka nka ndwi cari catowe muri Tanganyika, ku ruhande rwa karitye Kanyenkoko. Uwo mwana yari yatwawe n’amazi y’imvura aca mu mufurege witwa Mugerangabo. Hari mu mvura yaguye ku wa gatatu ku mugoroba, nk’ukwo amakuru ava mu Rumonge avyemeza.
II. Umugabo yagirizwa kuba yaragandaguye abana biwe babiri bacumiswe imbugita mw’iri joro ryo ku munsi wa gatatu rishira umunsi wa kane, ku musozi Gihororo na komine Gatara y’intara ya Kayanza, yishikanye mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu ahakorera igipolisi kw’isoko ya Kayanza. Urubanza rw’ikibiriraho rukaba rwaciye rusasa inyuma ya sasita, ariko gushika isaha 12 z’umugoroba, urubanza rwaciwe rukaba rutari bwamenyekane. Tukazobigarukako mu makuru yacu y’ejo.
III. Mu runani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana mu Burundi FENADEB, bariyamiriza ubwo bwicanyi bwahitanye abo bana babiri b’i Gatara. FENADEB isanga ico caha cakozwe mu gihe ubwicanyi buhitana abana bwimonogoje mu ntara zitandukanye z’igihugu. Mw’itangazo ryashizwe ahabona, urwo runani rwemeza ko abana bagera kuri 25 bamaze kwicwa n’abavyeyi babo kuva mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka. Ferdinand Ntamahungiro, ni umuhuzabikorwa mu runani FENADEB.
IV. Ihagarikwa n’ifungwa ry’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Général Alain Guillaume Bunyoni na Colonel mu gipolisi Désiré Uwamahoro vyategerezwa kuba akaryo ku butungane bw’Uburundi, kugira bukore amatohoza nyezina ku mabi atandukanye abo bantu babiri bakoreye abatavuga rumwe n’ubutegetsi kuva mu 2015. Bishikirizwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi ahanwa n’amategeko mpuzamakungu CAVIB. Arakebura ubutungane gukorera mu muco hakurikijwe amategeko muri dosiye z’abo bantu.
V. Abadandaza bo muri komine Giharo mu ntara ya Rutana bariyamiriza ico bita agakengere ka buramatari w’iyo ntara. Bavuga ko Olivier Nibitanga yivanga mu bijanye n’urudandazwa kuko ngo abuza abo badandaza gushora umwimbu w’ibifungurwa mu yandi ma komine, ariko ngo hakaba hari ho ababikora bavuye mu yandi ma komine y’iyo ntara babanje gutanga ibiturire.
VI. Ibikorwa ntivyaranguwe nk’ukwo vyahora muri kano gatondo kw’isoko rikuru ryo mu ntara ya Muyinga. Abadandaza bakaba bategetswe guhagarika akazi kugira ngo baje kwakira icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza, aho yaraje muri iyo ntara mu birori vyo gusozera indwi yahariwe ururimi kavukire rw’Ikirundi.
VII. Imyidogo ni yose mu batozakori bashasha bo mu gisagara ca Bujumbura binjijwe mu kazi kuva kw’igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2021. Bavuga ko agahembo kabo kagabanuwe, niyo kaje kabashikira gatevye, kandi bobo amakori n’amatagisi begeranya atigeze agabanuka. Basaba ababijejwe kubarenganura.
VIII. Abavuzi mu Burundi basaba ko umwuga wabo wofatwa nk’iyindi myuga, hakajaho amategeko avuga ingene uwo mwuga utunganijwe, ivyo bita mu gifaransa ordre des infirmiers. Mw’itangazo ishirahamwe ry’abavuzi mu Burundi bashize ahabona kuri uyu wa 12 Rusama ku munsi mpuzamakungu wahariwe abavuzi, Fidèle Niyonkuru, umwe mu baserukira ishirahamwe ry’abavuzi mu Burundi, ngo iryo tunganywa rishasha rizotuma n’akazi gakorwa neza kurusha, kuko abavuzi bazoba bafise aho baganirira ibibazo vyabo.

Ibindi bisa n'ibi