I. Hari indwara itaramenyekana abatari bake bibaza ko yoba ari umugera wa Covid-19, inabangamiye abanyororo bo mw’ibohero rikuru rya Ngozi. Amakuru ava ku bitaro vy’i Ngozi, amenyesha ko abanyororo bagera hafi kuri 60 aribo barwaye iyo ndwara. Bamwe muri bo bariko bavurirwa ku bitaro vya Ngozi, abandi na bo bakaba bariko bavurirwa kw’ivuriro. Zimwe mu ngingo zimaze gufatwa n’abavuzi bo mw’ibohero, harimwo ugushira ukwa bonyene abagaragayeko ibimenyetso vy’iyo ndwara.
II. Leta ngo yategerezwa kuba yarashizeho umugwi wamaho w’abahinga bapima ikiza ca corona virus mu mabohero yose yo mu gihugu, mu ntumbero yo kugwanya ico kiza kimaze imisi gisasira inganda mw’ibohero ry’i Ngozi. Ngo kuko atagikozwe, ibara rirashobora kugwa. Ivyo n’ibishikirizwa na Côme Konakuze, ariko akora ubushakashatsi ku ndwara zaduka zivuye kw’ihinduka ribi ry’ibirere. Uyo muhinga asaba ko n’abakora mu mabohero na bo nyene bosuzumwa, maze Leta ikanagaburira abapfunzwe kugira ngo hagabanuke uruja n’uruza mu mabohero no mu micungararo.
III. Igitigiri c’abantu 210.000 banduye ikiza Corona mu mugabane wa Afrika n’icamenyekanye kuri uyu wa kane, nkuko icegeranyo gitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS kivyerekana. Muri abo, abarenga 5000 baramaze kwitaba Imana. Mu misi 98 handuye abangana ibihumbi ijana, mu yindi misi 18 gusa yakurikiye, abandi barenga ijana bari banduye, bishikirizwa na Muganga Matshidiso Moeti aserukira iryo shirahamwe mu mugabane wa Afrika. Arerekana ko ikiza Covid-19 kiriko gikwiragira muri iyi misi, ku murindi uteye ubwoba muri Afrika n’aho ivyo bitigiri bigize 3 % gusa vyabanduye kw’isi.
IV. Musenyeri arongoye diyoseze ya Bururi yamenyesheje abakirisu bo muri iyo diyoseze, kwibuka imisi yose gukaraba imbere yo kwinjira n’inyuma yo kwinjira imisa. Mw’itangazo uwurongoye iyo diyoseze yasohoye, yamenyesheje ko amahera batanga nk’imperezwa ashobora gutuma banduzanya. Asaba ko haba igihe kimwe co gushikana. Muri iryo tangazo, Musenyeri Salvator Nicitegetse asaba kandi abajejwe umutekano mw’isengero, batondeka ku misi y’Imana abakirisu kugira ngo hagati y’umuntu n’uwundi kugira habe umwanya w’imetero nkuko babisabwa.
V. Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje ko ata mukuru w’igihugu ahari, ikavuga ko n’uw’imfatakibanza adakenewe, kuko amatora yamaze kuba.
VI. Imbonerakure zaraye zirasaka abantu muri iri joro nko mu masaha ya sasita z’ijoro mu ntara ya Cankuzo, komine Kigamba, umutumba Humure zikaba zariko zihiga Gabriel Ruvuma, zimuziza ko yashimishijwe n’urupfu rwa Petero Nkurunziza. Nkuko amakuru dukura aho mu Cankuzo abitumenyesha, uwo Gabriel yahavuye afatwa na komiseri ku rwego rwa komine afashijwe n’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, bakaba bagiye bamuhetse ku moto. Radio Inzamba ikaba itashoboye kuronka uwo mu komiseri ngo agire ico abivugako.
VII. Kurahiza umukuru w’igihugu mushasha yatowe ntibishoboka mu gihe atawukirongoye igihugu ahari, no mu gihe inama nshingamateka na nkenguzamateka bishasha bitarabaho. Ivyo biri mw’itangazo ry’umugambwe RDB ryo kuri uyu wa gatanu. Jérémie MINANI arongoye uyo mugambwe amenyesha ko kudakurikiza ivyanditse mw’ibwirizwa nshingiro, ari ugutembagaza ubutegetsi. Jérémie MINANI arongoye umugambwe RDB.