Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/06/2023

Publié le 12 juin 2023 par Rédaction
I. Haribonekeza abana bakiri bato bato bakoreshwa ibikorwa bitandukanye mu gisagara ca Rumonge. Bamwe muri abo bana basigura ko barungitswe n’abavyeyi mu gisagara kurondera ubuzima, abandi nabo bakavuga ko bahisemwo kubikora kubera babuze uburyo bwo kubandanya biga.
II. Ivyo biri uko mu gihe kuri uyu wa 12 Ruheshi ari umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikoreshwa ry’abana. Mu Burundi uyo munsi ukaba ushitse atari aho mu Rumonge gusa havugwa ikoreshwa ry’abana gusa : hirya no hino mu bisagara bitandukanye haboneka abana bakoreshwa n’abavyeyi babo bavuye mu ntara zitandukanye, bimukira mu bisagara kurondera ingene bobaho, bagahitamwo gukoresha abana babo. Ivyo bishikirizwa na Prime Mbarubukeye arongoye ishirahamwe ryiyemeje kurwanya idandazwa ry’abantu, abimukira mu kinyegero n’amabi akorerwa abana n’abakenyezi, ONLCT, hari mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru kuri uno wa mbere. Iryo shirahamwe rikaba ryiyamiriza iyo nyifato iza ihonyanga agateka k’abana.
III. Iryo shirahamwe ONLCT rivuga kandi ko ingingo ya cumi na rimwe y’amategeko agenga akazi, ibuza gukoresha umwana atarakwiza imyaka cumi n’itandatu. Prime Mbarubukeye.
IV. Imyidogo ni myinshi mu basirikare bavuga ko hari amafranga bakatwa babwirwa ko ari ico bita taxe professionnelle. Iyo tagisi ikaba yatanguye kwibonekeza kuva aho abasirikare bongerewe imishahara n’umukuru w’igihugu. Bamwe mu ntwazangabo boba bamaze kuronka ingene bakwepa iyo tagisi. Abasirikare basaba ko bokurwako amakori kuko ngo iryo batanga mu kwitangira igihugu rikwiye, mu gihe baba bariko babungabunga amahoro n’umutekano.
V. Inzu yose ivunja amafranga itazoshobora kwerekana ko yaronse amafranga angana n’ibihumbi 50 vy’amafranga y’abanyamerika canke amafranga y’amanyaburayi mu kiringo c’indwi imwe, izoca yugarwa. Ni imwe mu ngingo zafashwe kuri uno wa mbere, mu nama yagirishijwe abakorera bose mu gisata c’ukuvunja amafranga, irongowe na Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji wa mbere. Moise Nkurunziza amuvugira, yongeye ko ko amazu yose yahora akora igikorwa co kurungika amafranga mu makungu ahagaritswe, kandi y’uko umuntu azoba afise amafranga mvamakungu atiteguriye gufata urugendo mu makungu canke ngo abe ariko agana izo nzu zivunja, azokurikiranwa.
VI. Abategetsi b’igihugu kuva kuri mukuru gushika kuri moto, bakwiye kubahiriza itegeko ryo kwerekana amatungo yabo, imbere y’uko batangura amabanga, kugira ibikorwa vyo kurundarunda amahera bigwanywe hose. Biri mu mwihwezo wakozwe kuri uyu wa mbere n’umuhinga mu vy’ubutunzi, Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM. Ku bwiwe, kugwanya abarya ibiturire mu nzego zose hamwe n’abanyuruza amatungo ya leta, bikwiye gushirwamwo inguvu nyinshi kugira ubutunzi bw’igihugu ntibugume buhungabana.
VII. Imyidogo ni myinshi  ku mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’i Nyarugusu iri mu gihugu ca Tanzaniya. Ni mu gihe kuri uno munsi wa mbere igenekerezo rya 12 Ruheshi 2023, abasungusungu bari kumwe n’igipolisi c’ico gihugu bazindutse batemagura ibitoke, ivyo bitoke vyari vyaranaze bimaze no kwama. Amakuru dukura muri iyo kambi amenyesha ko, ivyo bibaye ku ncuro igira gatatu. Ni mu gihe kandi izo mpunzi z’abarundi bari biteze ko bagiye kuronka ico bafungura, na rirya ibifungurwa bahora baronka ku kwezi vyagabanijwe. Bagasaba amashirahamwe mpuzamakungu yitaho impunzi kubagarukirako kuko bagiye kwicwa n’inzara.
VIII. Urunani rw’abaharanira agateka ka muntu baba mu makambi y’impunzi barahagaritswe umutima n’iyo nyifato y’abajejwe intwaro muri Tanzaniya, aho ata kindi bashaka atari uko impunzi zitahukanwa ku nguvu, mu gihe igihugu ca Tanzaniya casinye amasezerano akingira impunzi. Vyizigiro Jean Bosco, n’umuvugizi w’urwo runani CBDH-VICAR.
IX. Kuri uyu w’Imana hariya i Gitega, ni ho hasozerwa ihiganwa rihuza amakaminuza yo mu Burundi mu mupira w’amaguru. Kaminuza yitiriwe umwizero ni yo yatahukanye igikombe, itsinze kaminuza yitiriwe ibiyaga binini ibitsindo 2 kuri kimwe. Muri basketball mu bahungu, kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika yatsinze kaminuza yitiriwe Umuco amanota 73 kuri 63, mu bigeme naho, kaminuza yitiriwe Umuco itsinda kaminuza y’i Ngozi amanota 47 kuri 32. Mu rukino rwa volleyball mu bahungu, kaminuza yitiriwe Martin Luther King yatsinze ISGI iseti 3 ku busa, nayo mu bigeme, kaminuza yitiwe ibiyaga bini yatsinze kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika iseti 3 ku busa. Muri Handball mu bahungu; kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika yatsinze kaminuza yitiriwe ibiyaga binini ibitsindo 35 kuri 30, na yo mu bigeme ISCAM yatsinze kaminuza y’Uburundi ibitsindo 21 kuri 19. Mu rukino rwa Netball naho mu bahungu kaminuza y’Ubuhinga y’i Gitega yatsinze kaminuza yitiriwe umuco amanota 56 kuri 27, ni mu gihe mu bigeme, kaminuza yitiriwe ibiyaga binini yatsinze kaminuza yitiriwe umuco amanota 52 kuri 32.

Ibindi bisa n'ibi