I. Umuntu umwe yaraye yishwe arashwe n’igipolisi muri komine Kayokwe, mu ntara ya Mwaro, muri iri joro ryo ku wa kabiri rishira uwa gatatu. Amakuru ava ngaho i Mwaro akavuga ko uwo muntu yoba yari mu bateze umutego umudandaza w’ibinyobwa vya Brarudi, yibwe amafranga imiriyoni zitatu. Mu gipolisi bavuga ko amatohoza yatanguye.
II. Abanyeshure bane ba kaminuza y’Uburundi mu gisata ca ISA bamaze imisi ine bapfungiwe muri komisariya y’igipolisi mu ntara ya Gitega. Bafashwe ku musi w’Imana uheze basa nk’abanyurujwe bakuwe muri campus Zege, yo mu ntara ya Gitega. Bagirizwa icaha co kugomba kugumuka, ivyo bagenzi babo bavuga ko ivyo vyagiriji bidafashe, mu gihe bafatishijwe n’abarongoye ico gisata ca kaminuza aho bivugwa ko bakoreye ku mabwire ya bamwe mu banyeshure b’imbonerakure za CNDD-FDD zo muri iyo Campus ya Zege. Bimwe mu vyoba bituma bariko barakurikiranwa ni agafashanyo basaba kuronswa kuko bamaze amezi atandatu batakaronswa. Uruganda rwa Radio Inzamba Agateka Kawe ntirwashoboye kuronka abarongoye ico gisata ca kaminuza, co kimwe n’abarongoye igipolisi mu ntara ya Gitega, ngo batange umuco kuri iryo pfungwa ry’abo banyeshure.
III. Guhagarika kudahana abagirizwa ivyaha vyo guhohotera agateka ka zina muntu, gusubiza mu buzima busanzwe urwaruka rw’imbonerakure,ivyo biri mu bintu cumi ishirahamwe Amnesty International risaba reta y’Uburundi kugira ngo agateka ka zina muntu gashobore kwubahirizwa mu gihugu. Ivyo biri mu cegeranyo iryo shirahamwe ryasohoye kw’igenekerezo rya 11 za kuno kwezi kw’umunani.
IV. Igenwa muri leta nshasha y’Uburundi rya bamwe mubari mu bihano bafatiwe na leta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’umuryango w’ibihugu vya buraya birateye amakenga. Inani zikorana na sentare mpanavyaha mpuzamakungu zo mu bihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa, ari vyo Uburundi, Centrafrika, Guinée, Côte d’Ivoire, Mali, repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Tchad hamwe n’igihugu ca Maroc, rwerekana ayo makenga mw’itangazo basohoye kuri uyu wa kabiri uheze. Izo nani zerekana ubwoba zifitiye abakorewe amabi mu Burundi, mu gihe bamwe muri abo bashizwe mu bibanza bikomeye bari mu bagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu. Umushingwamanza Lambert Niyonzima, n’umwe mu bashize umukono kuri urwo rwandiko.
V. Igihugu c’Urwanda ngo nticigeze kiba intambamyi ku gushaka gutaha kw’impunzi z’abarundi ziri mw’ico gihugu. Mu kiganiro umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu, Vincent BIRUTA yamenyesheje ko hari n’abanyagihugu b’abarundi baje kwivuza mu Rwanda ariko bashatse gutaha Uburundi bwanse kubugurira imipaka. Igihugu c’Urwanda ngo icirwa cakuye mu bimaze imisi bishikirizwa n’abategetsi bashasha ngo n’uko atamubano bushaka n’igihugu kibanyi.
VI. Uyu musi mpuzamakungu w’urwaruka wabaye akaryo ku rwaruka rwahungiye mu bihugu vya Uganda, Urwanda na Tanzaniya ko kwiyamiriza amabi ariko akorerwa benewabo bahungiye muri Tanzaniya. Ni mu rwandiko barungikiye umukuru w’igihugu wa Uganda akaba yahoze arongoye akigoro k’ibihugu vyo muri aka karere ko kugarukana amahoro mu Burundi, Initiative régionale pour la Paix au Burundi.Gentil Plaisir BIVUZIMANA, n’umwe mu bashizeko umukono kuri urwo rwandiko.
VII. Italiki 12 Myandagaro n’umusi mpuzamakungu wahariwe urwaruka. Ushitse mu gihe isi ihanganye n’ikiza ca coronavirus. Kubw’umuhari w’urwaruka rw’abarundi Mouvement international de la jeunesse burundaise, MIJB, ingingo zagiye zirafatwa n’amaleta mu kurwanya ico kiza zatumye urwaruka rwinshi rwahungiye muri ivyo bihugu, rutakaza akazi kari kababeshejeho. Ivyo navyo bikaba ari intambamyi kukwiteza imbere kuri urwo rwaruka. Bivugwa na Boris HORUGAVYE, icegera c’uwurongoye uwo muhari MIJB.