Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/08/2021

Publié le 12 août 2021 par Rédaction
I. Umugwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB, wazindutse kuri uno wa kane wegurira Leta itongo ryo mu Ngagara ryahoze ari ishure Saint-Albert. Iryo tongo rya hectari zitanu, rikaba ririmwo amatati kuko diyoseze gatorika y’i Ngozi ivuga ko ari iyayo. Eka n’ikigo gitoza amakori n’ama tagisi OBR kikavuga ko Leta yari yariyihaye.
II. Ibiturire, akarenganyo be no kutitaho ibibazo vya gisirikare, ivyo ni bimwe mu bibazo vyaseruwe na bamwe mu ntwazangabo zikorera mu karere ka Bujumbura, hari mu nama uwurongoye ibiro bikuru vya gisirikare yagiranye kuri uno wa kabiri n’izo ntwazangabo zizananye mu makambi bita unités spécialisées mu gifaransa.
III. Abasirikare bato bato bobo baridoga ko bataronka aho bashikiririza ibibazo vyabo, mu gihe abasirikare bakuru badasiba kugirana inama n’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare.
IV. Ubwoba ni bwinshi mu banyagihugu bo muri komine Kibago, mu ntara ya Makamba. Ubwo bwoba bukaba buturuka ku basirikare n’abapolisi babona baguma bagwizwa muri iyo komine kuva mu ntango z’iyi ndwi turimwo. Amakuru ava muri bamwe muri abo bajejwe umutekano, akavuga ko bariyo kugira ngo bahangane n’abantu bitwaje ibigwanisho bamaze imisi binjira muri iyo komine bava mu gihugu ca Tanzaniya.
V. Umuntu umwe yaraye yishwe ku mugwa mukuru w’intara ya Bururi. Uwo yaraye yishwe akaba yari umuzamu ku nzu y’ubudandarizo muri karitiye Mugozi iri mu gisagara ca Bururi. Amakuru dukura ngaho avuga ko uwo mutama azwi kw’izina rya Kiduranya Jean Bosco. Yishwe atewe ikibuye mu mutwe n’abantu bataramenyekana, mu bucagucagu nk’isaha umunani z’ijoro. Abo bagizi ba nabi baciye batangura kubomora. Bakaba bateshejwe n’imodoka yarizanye ibidandazwa kuri iyo mangazini baca barayanyaga. Ayo makuru aremezwa n’abajejwe intwaro, bakavuga ko vyakozwe n’abasuma. Ubwo busuma ngo bukaba busigaye bwabaye ndanse ngaho ku mugwa mukuru wa Bururi, nkuko vyemezwa n’abahaba. Mu gipolisi aho I Bururi, bakemeza ko amatohoza yatanguye.
VI. Umuryango wa Evelyne Kamikazi amaze imisi irenga 20 apfungiwe mu gasho k’iperereza i Bujumbura usaba ko yorekurwa. Evelyne Kamikazi aba ku mutumba Mpota, muri komine Mugamba y’intara ya Bururi. Evelyne Kamikazi akaba yafashwe ku wa 18 Mukakaro uyu mwaka, yagirijwe n’uwurongoye igipolisi muri komine Mugamba Moise Arakaza batazira Nyeganyega, ngo n’uko umugabo wiwe yahoze mu gisirikare ca kera Ex-Fab yahunze igihugu kuva mu mwaka wa 2015.
VII. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bagendesha amapikipiki mu ntara ya Mwaro. Ni mu gihe abantu baba bambaye imyambaro isanzwe ata n’ikibaranga bafise, bahagarika abunguruza abantu ku mapikipiki ku nguvu babasaba ivyangombwa. Nk’uko abo banyagihugu baganiriye na radiyo Inzamba babivuga n’uko iyo bagufashe bagutwara aho bahora batunganiriza amatora bakabaca ihadabu ata gitasi babahaye. Bikavugwa y’uko abo bantu boba ari aba polisi baba bambaye umwambaro w’igisivire.
VIII. Ibitigiri vy’abandura ikiza ca corona mu Burundi bigize iminsi vyariyongereye. Kw’igenekerezo rya 10 hatowe abantu 233 banduye Covid-19, ibitigiri vyashizwe ahabona n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Abanyagihugu bavuganye na radiyo Inzamba baratewe umutima uhagaze n’iryo rwirirana ry’abagwaye ico kiza. Bakamenyesha ko vyoba bituruka kukutubahiriza amabwirizwa ya leta.
IX. Gushikiriza ibitigiri bikwiye kenshi vy’abanduye n’abahitanywe na Covid-19, bifasha ama leta gutegura n’ugushiraho amabwirizwa yo kurwanya neza ico kiza. Bishikirizwa na Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’indwara zandukira, inyuma yaho ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bushize ahabona ibitigiri bishasha, kuri uyu wa 10 Myandagaro 2021.
X. Uyo muhinga asigura kandi ko hari ama leta abesha mu gushikiriza ibitigiri bike vy’abanduye n’abahitanywe na Covid-19. Ivyo ngo n’ukudaha agaciro ukwitanga kw’abavuzi bakora ivyo bipimo. Come Konakuze.

Ibindi bisa n'ibi