I. Igenekerezo rya 12 Myandagaro uko umwaka utashe amakungu arahimbaza umusi wahariwe urwaruka. Uyu musi ushitse mu Burundi mu gihe urwaruka rubayeho mu bwoba bwa kazoza karwo, ndetse bamwe bagahitamwo inzira yo kuja kurondera ubuzima mu mahanga. Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi arongoye n’ishirahamwe PARCEM asigura ko urwaruka mu Burundi rubayeho mu mwiheburo kuko hari inzitizi nyinshi zituma rutaronswa akazi canke ruronswe amahera rwikorere imigambi. Ku bwiwe, leta irakwiye guhagurikira ico kibazo kugira igarukane umwizero, urwaruka ruronswe akazi rwongere ruhabwe imitahe ikwiye rwikorere imigambi.
II. Bamwe mu banyagihugu bo muri komine n’intara ya Makamba barababajwe no kubona hibonekeza ubukene bw’amafranga mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana, haraciye iminsi. Ivyo bikaba vyibonekeje cane kuri uno wa gatanu, aho abari baje kurondera amafranga muri Coopec hariho abatashe uko baje. Basaba ko ico kibazo cotorerwa umuti.
III. Imyidogo ni myinshi ku bakora igikorwa co kwunguruza abantu n’ibintu bakoresheje amapikipiki, mu gisagara ca Rumonge. Bavuga ko babangamiwe n’igipolisi kibafata kikabatoza amafranga atagira insiguro. Amakuru ava aho mu ntara ya Rumonge akaba avuga ko abo bapolisi bamaze imisi bakora uruhigi rw’ayo mapikipiki, ku mwanya ku mwanya. Abo bagendesha amapikipiki bagasaba abarongoye igipolisi, guhagarika iyo ngendo igayitse yo kubanyanga.
IV. Igipolisi co mu ma komine ya Nyanza Lac, Vugizo na Makamba carakoze umukwabu wo gufata amapikipiki mu mabarabara hakoreshejwe inguvu, bamwe mu bazitwara barahagarikwa kuri uyu wa gatanu uheze. Bakababazwa ko n’aho bahagarikwa batamenyeshwa icaha baba bakoze, n’igituma babafatira amapikipiki yabo. Amakuru atangwa n’ababa muri izo komine akavuga ko zimwe muri izo pikipiki zononekaye muri ico gikorwa.
V. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi kigaruka ku mpungenge ziheruka gushikirizwa n’abashingamateka, ku kanovera k’indero mu gihugu.