Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/09/2020

Publié le 12 septembre 2020 par Rédaction

I. Abantu batanu barishwe kuri uyu wa gatanu muri Zone Ruteme ya komine Bugarama, intara ya Rumonge. Ni mu mishamirano yabaye hagati y’abasirikare n’abantu bitwaje ibigwanisho, kuri uno wa gatanu. Abanyagihugu bakaba batekewe n’ubwoba.

II. Umuntu umwe yishwe arashwe, abandi batatu barakomereka, mu gitero c’umugwi w’abantu bitwaje ibigwanisho, bateye ku mutaga wo kuri uyu wa gatandatu, ku mutumba Kayombe, wa komine Bugarama, mu ntara ya Rumonge. Uwo yasize ubuzima muri ico gitero, yari asanzwe agendana ubumuga azwi kw’izina rya Kabonajoro. Abanyagihugu bo kuri uwo mutumba no mu micungararo, baratekewe n’ubwoba bagasaba ko umutekano wabo wokwongerezwa.

III. Hazindutse haba isakwa mu Ruziba, zone Kanyosha, muri mairie ya Bujumbura. Muri ico gikorwa cagizwe n’igipolisi kirwanya imigumuko, hafashwe abantu harimwo batatu bagize umugwi uririmba w’umugambwe CNL.

IV. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ntazokwitaba inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere k’ibiyaga binini, itegekanijwe kuri uyu wa Mungu i Goma, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ku rutonde rw’ibizokwihwezwa, harimwo umutekano muke urangwa muri ako karere. Uburundi busigurako butazokwitaba iyo nama, kubera ibikorwa vyinshi bihambaye abarongoye igihugu barimwo muri ino misi.

V. Karori Nditije arongoye umugambwe w’abadasigana Uprona utemewe n’ubutegetsi, avuga ko bibabaje kubona abategetsi b’i Burundi batitaba iyo nama ifitiye akamaro ibihugu vyose vy’ako karere. Karori Nditije akanegura umugambi wa leta y’Uburundi wokwama yiyugariyeko nk’ifuku, nk’uko vyari bimeze ku ntwaro ya Petero Nkurunziza.

VI. Abategetsi b’Uburundi bakwiye gukora iki kugira imbonerakure ntizisubize igihugu mu kaga? Ico ni co kibazo gishimikirwako mu kigabane «Kw’isôko» c’uno musi.

Ibindi bisa n'ibi