I. Abanywanyi b’umugambwe CNL bo mu ntara ya Kirundo baridoga ko abanywanyi babo bakuwe ku ntonde z’ama komine yose mu matora y’abahuza, yabaye kuri uyu wa 12 Nyakanga. Abo banywanyi bakaba bavuga ko amatora yabaye ata muco urimwo, kuko yagiyemwo abari mu mugambwe uri ku butegetsi bonyene.
II. Mu ntara ya Gitega, hari imyidogo ku banyagihugu bemeza ko ata muco urimwo mu bantu bemerewe kwiyandikisha ngo bazobe abahanuzi b’umutumba, mu matora ategekanijwe kuba kuri uyu wa mbere. Bemeza ko utari mu mugambwe CNDD-FDD utemererwa kuja mu bitoza. Bakadoma urutoke abakuru b’imitumba kuba bari inyuma y’iryo kumirwa.
III. Mu gihe abanyeshure batanguye umwaka w’ishure mushasha wa 2022 ushira uwa 2023, kuri uyu wa mbere mu gihugu cose, ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abarundi guhindura ingendo, risaba leta nshasha gutorera inyishu irama ibibazo bijanye n’ubukene bw’ibirasi n’ibindi bikoresho bikenewe mu gisata c’indero. Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa mbere, Faustin Ndikumana arongoye PARCEM, abona ko igisata c’indero cari gikwiye gushirwa mu vya mbere bihabwa amahera mu ndinganizo y’amafranga leta ikoresha.
IV. Umushikiranganji w’indero François Havyarimana akaba yugururiye uyo mwaka w’ishure mu ntara ya Kayanza kuri uyu wa mbere ari naho imiryango y’abigisha babiri mu buyobozi bw’amashure muri komine Matongo mu ntara ya Kayanza, yaciye isaba ko ababo bosubizwa mu kazi kabo nk’uko babirekurirwa n’amategeko. Imyaka itanu irarangiye bagirizwa ko bashize ahabona amakosa akorwa n’imbonerakure. Umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe ngo ni we yoba ari hejuru y’itotezwa ry’abo barimu.
V. Mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu, havugwa bamwe mu bavyeyi bahagaritswe umutima kubera hari abana babo b’abigeme bashurashuzwa na bamwe mu barezi babo, kugira ngo babahe amanota. Abatavyemeye baba bahisemwo gusubiramwo umwaka. Iyo hagize uwitura ubutungane, ntatunganirizwa kuko bahitamwo kubumvikanisha. Bamwe mu bigisha, basaba ko abakora ayo mabi bohanwa vy’akarorero kuko babateza urubwa.