Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/10/2021

Publié le 12 octobre 2021 par Rédaction
I. Umuntu azwi kw’izina rya Aruna Ndayizeye yaraye yishwe n’abantu bataramenyekana, igihe c’isaha cumi na zibiri n’igice z’umugoroba. Yari uwo ku mutumba wa Nyungu, komine Gasorwe y’intara ya Muyinga. Abantu babiri baciye bahagarikwa ku mvo z’amatohoza.
II. Abantu bane bo mu muryango umwe baranyurujwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere rishira uwa kabiri, n’abantu bataramenyekana bambaye umwambaro wa gisirikare ku gacimbiri Muhuzu, zone Minago, komine n’intara ya Rumonge. Abo bantu bari barongowe n’umwe mu rwaruka rw’imbonerakure yo kuri uwo mutumba.
III. Amakenga ni menshi ku muryango w’abantu bane baba muri zone Buziracanda, intara ya Mwaro. Abo bantu bafashwe mu ntango z’uku kwezi kw’icumi n’uwutwara iperereza muri iyo ntara. Haraheze imisi irenga cumi ata gakuru kabo. Umuryango ukavuga ko utinya ku buzima bwabo.
IV. Abantu 8 barishwe, muri bo 5 batorwa ibiziga, nayo 3 barahagarikwa bidakurikije amategeko mu ndwi iheze. Biri mu cegeranyo ca Ligue Iteka gisohoka buri ndwi. Ligue Iteka ikadoma urutoke ku rwaruka rw’imbonerakure, abapolisi, abajejwe intwaro n’abakozi b’iperereza ko ari bo bakora ayo mabi. Ligue Iteka igasaba leta gushengeza imbere y’ubutungane abagirizwa ayo mabi. Nsabimana Andrée, umuvugizi wa Ligue Iteka aratubwira ibiri mur’ico cegeranyo.
V. Uburundi ntibwaronse amahirwe yo kwinjira mu murwi mpuzamakungu ujejwe kugwanya ihohoterwa. Ivyo bikaba vyabaye kuri uno wa mbere, aho hari haramutse hatorwa abantu batanu bazoba bagize uyo mugwi usubiriye uwahahora wahejeje ikiringo. Uburundi bukaba bwari bwatanze izina ry’uwitwa Nyabenda André ngo abuserukire. Me Armel Niyongere arongoye ACAT, akavuga ko Uburundi butatowe kuko budakwije ibisabwa n’amategeko. Muri ivyo harimwo kwigenga kw’abagize uyo mugwi no kuba bafise ubumenyi bukwiye ku bijanye n’agateka ka zina muntu.
VI. Ishirwa mu ngiro ry’itegeko ribwiriza gusambura inyubako zitubahirije amategeko riravangura. Ivyo biri mu cegeranyo casohowe kuri uwu wa kabiri n’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC ku bijanye n’iryo tegeko. FORSC ikabivuga ifatiye ku nyubako z’umugambwe CNDD-FDD zo zitigera zikorwako, kandi zubatswe mu bibanza vyitirirwa ko bibujijwe kwubakamwo, ufatiye kw’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati. Vital Nshimirimana, umunyamabanga mukuru wa FORSC.
VII. Abarimu b’indimo bo mu ntara n’ama komine atandukanye baridoga ko igitoro bari bagenewe mu mugambi wo guteza imbere igiterwa c’ikawa PASC batakironkejwe, nk’uko catanzwe n’uwo mugambi wari ufashwe mu mugongo n’ibanki y’isi yose. Bavuga ko abakuru b’ibiro bijejwe uburimyi n’ubworozi mu ntara ari bo banyuruje igitoro bari bagenewe. Basaba abarongoye ubushikiranganji gukurikirana abayobozi b’uburimyi n’ubworozi barerwa kuba batakoze nkuko umugambi wari utegekanijwe.
VIII. Ibikorwa bitari bike vyarakozwe kugira ibijanye n’ibiza bigabanuke mu gihugu. Nayo abakozweko n’ivyo biza nk’imyuzurira y’amazi canke isiduka ry’imisozi ngo barashitsweko vyihuta. Biri mw’itangazo ryashizwe ahabona na Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’intaro yo hagati mu gihugu n’umutekano, mu gihe buca hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ingaruka ziva ku biza. Uwo munsi uhimbazwa kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu, uzohurirana n’ukwibuka incungu y’ukwikukira kw’Uburundi Rudoviko Rwagasore, uwo munsi ukazoca uhimbazwa kw’igenekerezo rya 18 mu ntara ya Kirundo.

Ibindi bisa n'ibi