I. Haravugwa ubunyonyezi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere, aho hari ibikorwa bibiri biriko birarangurwa ababikora bakavuga ko amafranga yari abigenewe amwe yanyurujwe, bakadomako urutoke bene gutunganya ivyo bikorwa. Aha batanga akarorero ku mafranga yari ategekanijwe gukotesha imiduga n’agashirukabute kari kagenewe abatumiwe muri ivyo bikorwa.
II. Ifaranga ry’Uburundi ryarataye agaciro kuva mu mwaka 2020 gushika ubu ku rugero rugera ku bice 70%. Urugero ritari bwagereko mu guta agaciro mu myaka 50 iheze, nk’uko bishikirizwa n’umuhari MAP Burundi Buhire. Iyugururwa ry’amazu avunjishirizwamwo amafranga, no kworohereza abarungikirwa amafranga y’agaciro ngo ntibizotuma igihengeri mu vy’ubutunzi mu Burundi gihera canke ngo kigabanuke, ngo hakwiye nyabuna politike nziza yorohereza abanyamitahe kugira baze gukorera mu gihugu, batikanga kunyagwa canke kugirirwa nabi. Mu cigwa cakozwe n’umuhinga mu vy’ubutunzi muri uwo muhari, bavuga ko mu Burundi abanyamitahe batoroherezwa na mba. Akarorero André Nikwigize, icegera c’uwungoye umuhari MAP Burundi buhire, atanga, ni ibiriko biba ku bitaro Kira Swiss Clinic.
III. Kubw’umuhari MAP Burundi Buhire, ngo hakwiye nyabuna ibiganiro bihuza abegwa bose na politike y’Uburundi, umuhari w’imbonerakure ukakwa ibirwanisho ukanasubizwa mu buzima busanzwe, maze abarundi bagasubira kubana mw’ituze, ivyotuma n’abanyamitahe bazana imitahe yabo ataco binona. André Nikwigize, icegera c’uwungoye umuhari MAP Burundi buhire.
IV. Umugambwe w’abadasigana UPRONA uri muri leta, usaba leta y’Uburundi gushengeza leta y’Ububiligi ku ruhara ico gihugu cagize mw’igandagurwa ry’umuganwa Ludoviko Rwagasore. Biri mu rwandiko uwo mugambwe wasohoye kuri uyu wa gatatu, ni mu gihe ejo aho bukera, umugambwe w’abadasigana UPRONA uzoba wibuka imyaka 61 iheze umuganwa Ludoviko Rwagasore, yaharaniye intahe yo kwikukira agandaguwe. Olivier Nkurunziza arongoye uwo mugambwe, avuga ko abahanywe ari abashize mu ngiro umugambi, ariko abawuteguye batigeze bakorwako.
V. Barasaba ko agateka k’umukenyezi Floriane Irangabiye arengeje ukwezi kose apfunzwe mu Burundi kokubahirizwa maze akarekurwa atagisabwe. Ako n’akamo gaterwa n’umuhari INAMAHORO w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Marie Louise Baricako awurongoye akavuga ko ipfungwa rya Floriane Irangabiye ritangaje cane mu gihe Evariste Ndayishimiye adasiba gutera akamo abahunze ngo basubire mu gihugu. Ku bwiwe leta y’Uburundi niyikubite agashi irekure uyo mumenyeshamakuru ataco ariko arazira, uretse umwuga wiwe.
VI. Abana b’abigeme bashika kuri mirongo icenda na batandatu nibo batwaye inda z’indaro mu mwaka w’ishure uheze wa 2021 ushira uwa 2022, mu ntara y’indero n’inyigisho ya Muyinga, nk’uko amakuru atangwa na bamwe mu bagize urwego rujejwe indero mu ntara avyemeza. Muri abo 96, abarenga 30 biga mu gisata c’ishure shingiro, nayo abashika 63 bakaba bari mu gisata c’inyuma y’ishure shingiro, nk’uko ayo makuru abandanya avyemeza.