I. Amategeko yarahonyanzwe mw’irengutswa, ku musi w’ejo, ry’abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru IWACU n’umudereva wabo. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Ku bwiwe ngo amategeko y’Uburundi canke amategeko mpuzamakungu Uburundi bwateyeko umukono arerekana neza ko ata muntu amenyeshwa giturumbuka ko agire aje kuburanishwa na rirya ata n’umushingwamanza wabo bari bari kumwe.
II. Uno musi ukaba ugize uwa 22 abo bamenyeshamakuru Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Thérence Mpozenzi ; Egide Harerimana n’umushoferi w’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu uwu mwaka bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abareberi i Musigati mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru babanje guhagarikwa baja gufungirwa mu gasho ka komine Bubanza mu hanyuma bungururizwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Bubanza igenekerezo rya 26 Gitugutu ukwo kwezi nyene. Bagirizwa gukorana n’abagizi ba nabi no guhungabanya umutekano w’abanyagihugu. Kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu, sentare nkuru y’intara ya Bubanza niho yafata ingingo yo kubagumiza mw’ibohero. Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru ; amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ; abanyepolitike ku rwego rw’igihugu no ku rwego mpuzamakungu ntibahengeshanya kwiyamiriza iryo fungwa. Bakavugako riteye isoni kandi ridakurikije amategeko. Basabako abo bamenyeshamakuru borekurwa vuba bwango; atakirinze gusabwa.
III. Hari agashavu kuri bamwe mu baba muri komine Busoni intara ya Kirundo kubera irekurwa ry’umwe mu bigisha bo kwishure shingiro ya Sigu. Yarekuwe ku w’Imana uheze italiki 10. Yari yafashwe italiki 3 z’uku kwezi yagirizwa gushurashuza umwigeme wo mu mwaka w’indwi kw’ishure nshingiro kumana ya mbere. Amakuru ava I Busoni yemeza ko uwo mwigisha yatanze igiturire ku wujejwe indero muri komine Busoni na bamwe mu butungane no mu ntwaro kugira arekurwe. Uwujejewe indero muri komine Busoni SIRABAHENDA Gordien tumubajije yishuye ko ivyo ataco abiziko. Incuti z’uwo mwana na bamwe mu banyabusoni bagasaba ibihano kuri uyo yagirizwa gushurashuza uwo munyeshure.
IV. Ishirahamwe rirwanira agateka ka muntu Iteka ririyamiriza ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryagizwe mu ndwi yo kuva italiki 3 gushika italiki 10 z’uku kwezi. Rigirwa aha nini n’urwaruka rw’imbonerakure, abajejwe umutekano n’abajejwe intwaro. Mu cegeranyo c’iryo shirahamwe co muri ico kiringo, cerekana ko abantu icenda aribo bishwe, 8 bahagarikwa bidaciye mu mategeko, batandatu nabo barasinzikarizwa ubuzima. Ligue Iteka rikananegura ingene abakora ivyo vyaha bakingirwa ikibaba ntibahanwe. Emmanuel NIBIZI nicegera c’uwurongoye Ligue Iteka.
V. Abakorewe amabi mu Burundi akurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha kuva muri 2015, barizeye kuronswa ubutungane bataronse mu Burundi. Nk’ukwo bivugwa n’umwe mubacitse kw’icumu inyuma y’imyaka 2 sentare mpuzamakungu mpanavyaha yuguruye amatohoza ku Burundi, abo bakorewe amabi ngo bariteguye guterera mu gutanga umuco muvyabaye kugira ubutungane buboneke, ababakoreye amabi nabo intahe ibakubite mu gahanga.
VI. Abo bakorewe amabi babivuze inyuma y’aho urunani rw’abarundi bakurikiranira hafi ibikorwa vya sentare mpuzamakungu mpanavyaha rurikumwe n’urunani rw’abamenyeshamakuru b’abarundi bakurikirana ibikorwa vy’iyo sentare, batangurije kuri uyu wa mbere isekeza ry’iminsi 90 yo guhimiriza abakorewe amabi mu Burundi kuva muri 2015 kugira bamenye uruhara rwabo n’uburenganzira bazoba bafise mu gihe imitahe y’abakekwa ku bakorera amabi yosohoka.
VII. Uwurongoye Quartier Mubone mu gisagara ca Bujumbura afunganywe n’abandi bantu babiri mu gasho k’igipolisi kigira amatohoza aho bita kuri BSR kuva kuri uyu wa mbere kw’itegeko ry’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa. N’inyuma yaho haheze indwi n’igice abanyagihugu bankiye imiduga isesa imicafu ku buterere, bagasaba ba nyene iyo miduga ari nabo bene amashirahamwe akura imicafu mu gisagara gutwara iyo micafu mu kibanza gishasha cayigenewe ku muzinda mu ntara ya Bubanza.
VIII. Abavyeyi barereye abana mu mashure ari mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu muri Tanzaniya barizeye ko indongozi zo mu gisata c’inyigisho muri iyo kambi bagiye guhindurwa. Aho n’inyuma y’amatohoza yakozwe basanze izo ndongozi zitahejeje amashure ya kaminuza mu Burundi. Umwe mu bahungiye muri iyo kambi akavuga ko impapuro z’imitsindo zagiye ziratangwa n’izo ndongozi zishobora kuba zidakurikje amategeko.
IX. Ku murwa mukuru wa komine BUYENGERO mu ntara ya Rumonge, aho bita Ku Muyama no muri zone Muzenga bamaze indwi zitatu batagira umuyagankuba. Ngo hoba harabaye ingorane z’ivyuma ku muhora w’umuyagankuba wa Ijenda–Mugamba. Abanyagihugu bavuga ko abajejwe intwaro n’abarongoye Regideso bazi iyo ngorane ariko ngo ntaco barabakorera gushika ubu. Aho muri komine Buyengero ibikorwa vya leta bikaba bicumbagira co kimwe n’ivy’abikorera ivyabo aho ni nk’ababarira bakoresheje umuyagankuba, ababaji, abadandaza mu bunywero no mu buriro tudasize inyuma ingo zikoresha umuyagankuba. Abanyagihugu bo muri komine BUYENGERO ku Muyama no ku Muzenga basaba REGIDESO ko yokwihutira kubasanurira uwo muhora bakava mu kizime.