I. Igihano co gufungwa ubuzima bwiwe bwose ni co gihano sentare nkuru yo mu Kayanza yaraye ihanishije Hemedi Kassim, umusore w’imyaka 21 avuka muri komine Mukaza muri zone ya Buyenzi. Uyo musore akaba yafashwe mu gitero cagizwe muri Komine Matongo n’akagwi kitwaje ibigwanisho mu gitondo co ku musi wa gatatu.
II. Abantu babiri bamaze indwi zibiri bapfunzwe ata dosiye barakorerwa. Abo, n’umugabo w’umukukuruke n’uwundi w’umwigisha bapfungiwe mu gasho k’igipolisi i Bururi. Bahorwa ko bahanahanye amakuru anegura ubutegetsi mu Burundi.
III. Abantu basabwe kuja kwagiriza umukuru w’umugambwe CNL muri komine Giharo mu ntara ya Rutana barara ntibuca. Aho n’inyuma y’aho urubanza rwa Pierre Ndacayisaba arongoye CNL i Giharo rwungururijwe ku wa 27. Abo basabwa kwagiriza nk’ivyabona baterwa ubwoba n’abarongoye umugambwe CNDD-FDD.
IV. Abegereye imiryango y’abantu babiri baheruka kunyuruzwa n’inzego z’umutekano muri komine Kiganda y’intara ya Muramvya, bafise amakenga n’ubwoba ko ababo boba batakiriho. Ivyo babivuga kuko kuva banyuruzwa, iyo miryango itigeze imenyeshwa aho boba bapfungiwe. Basaba kumenyeshwa aho ababo boba bapfungiwe, bongere bashikirizwe ubutungane mu gihe ababafashe boba bafise ivyo babagiriza.
V. Abavyeyi barereye kw’ishure shingiro rya Mutakura baridogera ubuyobozi bw’iryo shure kubera amafaranga bariko baratangishwa, kugira ngo hubakwe ishure ry’igorofa. Amafaranga asabwa akaba ari ibihumbi cumi k’umwana umwe kandi ku gice. Abo bavyeyi basaba ubushikiranganji bw’indero kubafasha guhagarika iyo ngingo, kuko bari mu bukene bwinshi.
VI. Indwi zitatu ziraheze abanyagihugu bo muri zone Magara muri komine Bugarama mu ntara ya Rumonge bidoga, kuko bamaze ico gihe cose bataronka amazi. Abo banyagihugu baba ku mitumba ya Magara ya mbere n’iya kabiri, bakaba bafise ubwoba ko bashobora kwandura indwara zifatiye kw’isuku rike. Bagasaba ababijejwe kubaronsa amazi.
VII. Ingingo ya leta yo gutegekanya ibigega vy’umwimbu w’ibigori birimwe n’abanyagihugu kuva mu ntango z’uno mwaka, biragaragara ko iza ifasha gusa bamwe mu bari ku butegetsi. Biri mu cegeranyo casohowe kuri uyu wa kane n’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC. Kubwa Ernest Nkurunziza, umunyabanga nshingwabikorwa w’urwo runani, ngo uretse ko ibigori vyabuze kw’isoko, n’igiciro giheruka gushingwa na leta kirarengeye ubushobozi umunyagihugu w’umuguzi.