Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/11/2022

Publié le 12 novembre 2022 par Rédaction
I. Hari isanganya ryabereye muri komine Mugamba, intara ya Bururi, ahitwa mu Cogo kw’ibarabara rikata rija muri komine Bisoro ku mugoroba w’uwu wa gatanu. Imodoka y’ishirahamwe rihingura isima BUCECO yatembagariye hepfo y’ibarabara, abantu barimwo ibaryamyeko bose bapfuye. Iyo modokari ifise imparati D 9008 A yari ivuye mu ntara ya Cibitoke ijanye isima mu Rutana.
II. Umukuru w’igihugu aragabisha bamwe mu badandaza b’igitoro yagiriza ko bari muri yegeregere yo kwugara ama station yahora acuruzwamwo ico gitoro. Ivyo vyavugiwe mu nama yahuriyemwo n’abegwa n’igisata c’umutekano, yariko ibera mu ntara ya Mwaro kuri uno wa gatanu. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Alain Diomède Nzeyimana avuga ko leta igiye gufata ingingo yo kwaka abo badandaza ama stations yabo, kugira iyahe abashobora kudandaza igitoro.
III. Muri ino misi haribonekeza mu ma komine ya Gatara na Muruta ubugizi bwa nabi bufatiye ku kurandura imirima, aho beneyo buca basanga ibiterwa vyose ari imirambikango. Akarorero ka hafi kakaba ari ako mw’ijoro ryakeye buca ari kuri uwu wa gatandatu, aho imirima itatu y’ibigori yo ku mitumba ya Kibaribari na Karambi yose yo muri komine Gatara yaraye iranduwe n’abantu bataramenyekana. Abajejwe intwaro bakaba batera ivyatsi iyo ngendo, bagahamagarira abanyagihugu kurikanura kugira uwuzoramuka afashwe ahanwe hisunzwe amategeko.
IV. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo mu ntara ya Rumonge. Ni mu gihe ibiciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa bibandanya biduga, abanyagihugu na bo basanzwe bafise amikoro make. Nk’uko umwe muri abo banyagihugu yaganiriye na radiyo Inzamba abivuga, mu gutanga akarorero ku biciro vy’ibiharage, amenyesha ko mu mezi atatu aheze, hamaze kwiyongerako amafranga ari hagati y’amajana indwi n’igihumbi ku kiro, bivanye n’ubwoko bw’ibiharage.
V. Abaryango ba Justin Sabushimike babandanya basaba umuco ku rupfu rwiwe. Uwo yarasanzwe yunguruza abantu n’ipikipiki yapfuye italiki 18 z’ukwezi guheze kw’icumi muri zone Bigina, komine Kayogoro, intara ya Makamba. Abiwe n’ubu bakemeza ko ivyo abajejwe intwaro bavuga ko yishwe n’impanuka atari vyo. Basaba nyabuna ko amatohoza kuri urwo rupfu yoja ahabona.
VI. Abarundi bamaze imyaka irenga 2 barahungutse basaba ishirahamwe rijejwe impunzi kw’isi HCR kubagarukirako, bakabaha uburyo bwo kubaho kuko babayeho nabi mu Burundi. Ivyo biri mw’ikete bandikiye kuri uyu wa gatanu abarongoye HCR. Abo barundi bahungutse bidoga bavuga ko batariko barafashwa kuva bashitse mu Burundi, kandi bugarijwe n’ingorane nyinshi.
VII. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira ku ngorane zijanye n’ugutahuka kw’impunzi z’abarundi.

Ibindi bisa n'ibi