Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/12/2019

Publié le 12 décembre 2019 par Rédaction

I. Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe CDP yaraye atangaje ko aje kwitoza mu matora yo mu 2020 yimirije. Yabivuze ashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura, aho yari atahutse kuri uno wa gatatu, yitavye akamo k’umugambwe uri ku butegetsi katewe haraciye imyaka 2.  Ico gihe CNDD-FDD yabwira abatavuga rumwe n’ubutegetsi ko bovavanura n’inzira y’ibiganiro, bagashira imbere inzira y’amatora. Ako kamo karaye kitabwe na Anicet Niyonkuru n’abo barikumwe, mu gihe ata misi myinshi iheze barahira bakarengwa ko batarota batahuka mu gihugu cacitse nk’ibohero ku batavuga rumwe na leta.

II. Bamwe mu banyagihugu bo muri komine ya NTAHANGWA, mu gisagara ca Bujumbura, bariyamiriza itangwa ry’amakarata ndangamuntu ridakurikije amategeko ryoba rigamije kwiba amatora yo mu mwaka uza. Akarorero n’ako muri zone ya CIBITOKE, aho abanyagihugu bemeza iryo tangwa ry’indangamuntu ribera mu biro vya zone, kandi zigahabwa gusa abari mu mugambwe CNDD-FDD, n’abandi bazanywe na bo.

III. Hari imigwi y’abantu iriko iridoga mu ntara ya Muyinga, kuko itararonswa impapuro zibaha uburenganzira bwo gutorera aho bimukiye. Abo bantu bakaba barahinduye aho baba hatandukanye n’aho biyandikishirije mu gihe co gutora ihinduka ry’ibwirizwa nshingiro. Bagasaba umugwi w’igihugu CENI kwitaho ico kibazo kugira baze batore nk’abandi barundi.

IV. Kuri ayo makenga y’abo banyagihugu bipfuza guhindurirwa aho bazotorera, Kazihise Pierre Claver arongoye umugwi w’igihugu ujejwe amatora, aramenyesha uko ibintu bitegerezwa kugenda kugira abarundi bose bubahirizwe.

V. Abanywanyi babiri b’umugambwe CNL muri zone kanyosha, bari mu gisagara ca Bujumbura bari mu minwe y’igipolisi. Umwe yafashwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu, uwundi yafashwe kuri uyu wa kane. Umwe mu ndongozi za CNL akavuga ko banyurujwe kuko batigeze baronswa umutahe wo kubahagarika.

VI. Ubwicanyi bwabaye ku magenekerezo ya 11 na 12 Kigarama umwaka wa 2015, inyuma y’ibitero vy’abantu bitwaje ibigwanisho mu makambi atatu y’igisirikare ; bwatwaye ubuzima bw’abantu 87 nk’uko vyashikirijwe n’igisirikare inyuma y’izo ntambara. Mu nyuma abajejwe umutekano, baciye birara mu ma karitiye bivugwako yagwanije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza; Nyakabiga; Musaga ; Ngagara na Jabe . Aho bishe isinzi ry’abantu. Muri ayo ma karitye nyene, hariho abafashwe barafungwa, abandi baburwa irengero ryabo.  Uwu ni umwe mu bacitse kw’icumu mu Nyakabiga aratubwira uko vyagenze.

VII. Urunani rw’abashingwamanza baburanira abashikiwe n’amabi ahanwa na sentare mpuzamakungu, CAVIB barababazwa no kubona ubutungane bw’Uburundi ataco bwigeze bukora kugira ngo ukuri kumenyekane kubijanye n’igandagurwa bunyamaswa ryabaye kw’igenekerezo rya 11 na 12 z’ukwezi kwa cumi na kabiri mu gisagara ca Bujumbura. Umushingwamanza Yves Runyagu, umwe mu baburanira n’abafasha abashikiwe n’ako kaga, avuga ko bituye amasentare mpuzamakungu akaba yizeye ko ukuri kuzotinda kukaja ahabona.

Ibindi bisa n'ibi