I. Hatunganijwe kuri uyu wa gatandatu imyiyerekano mu bisagara vya Bujumbura, Gitega na Ngozi; imyiyerekano yo gushima ko Uburundi bwakuwe ku rutonde rw’ibihugu bishingwa ijisho n’inama nkuru y’umutekano ya ONU. Igishasha muri iyo myiyerekano akaba ari uko abashikirije amajambo ari abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike, acuditse n’umugambwe uri ku butegetsi.
II. Benshi mu bitavye iyo myiyerekano ngo bagiye kubera igitsure batewe. Ivyo bimenyeshwa na Emmanuel Ndereyimana umuvugizi wa CFOR Arusha, aho avuga ko reta itari ikwiye gusya bwose ngo ishirahamwe mpuzamakungu ONU ntirigishinze ijisho ku biriko birabera mu Burundi. Ahubwo ngo ni akagohe bayivuniye.
III. Ikigo gikora ivyigwa n’ubushakashatsi mu gisata c’uburimyi n’ubworozi ISABU gishobora kuzimangana hamwe atacokorwa ngo kibungabungwe. Bimwe mu bikibangamiye ni igenwa mu bibanza bikomeye muri ico kigo hakurikijwe amoko n’imigambwe, aho kuraba ubushobozi bwabo n’uburambe mu bisata mwene ivyo. Abakozi ba ISABU basaba nyabuna ko abogenwa mu bibanza bogenwa hakurikijwe ubushobozi n’ubunararibonye bwabo, kugira ngo ico gisata ca reta kibandanye gikora.
IV. Abanywanyi b’ishirahamwe REGIDESO muri komine Nyanza-lac mu ntara ya Makamba baramaze hafi amezi 5 bataronswa amazi. Ngo bagashobora guterwa n’indwara ziturutse kw’isuku rike, kubera ubukene bw’ayo mazi. Abanyagihugu baba ku murwa mukuru w’iyo komine bakaba bategerezwa kugura amazi ku munsi ku munsi aho bashoboye kuyabona, ivyo navyo bikaba bitorohera abafise amikoro make.
V. Imyidogo ni myishi mu banyagihugu bo muri zone Muyange ya komine Nyanza-Lac, kubera abarongoye komine ataco bakora kugira ngo baronke umuyagankuba. Amakuru ava ngaho avuga ko ibiti bitwara intsinga vy’uyo muyagankuba ku murongo w’amatara ufatanya Muyange-Nyanza Lac vyahenutse. Bagasaba ababijejwe ko botorera umuti ico kibazo.
VI. Ikigabane « Kw’isoko » kigaruka kw’ihimbazwa ry’umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu kw’isi, umunsi uhimbazwa kw’igenekerezo rya 10 kigarama.