Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/12/2023

Publié le 12 décembre 2023 par Rédaction
  1. Abasirikare b’abarundi bari bamaze imisi itatu badafise impuzu Ku mugoroba wo kuruyu wa kabiri basubijwe imyambaro y’igisirikare c’u Burundi. Bakaba Bari Ku Muzinda Mujejuru Mudubugu no muri bataillon police militaire. Iyo myambaro bayisubijwe inyuma yinama muyobozi mwishikira ajejwe bibazo vya gisirikare mu biro vy’umukuru w’igihugu général silas Ntigurirwa yagiranye n’abarongoye ibiro Bikuru vya gisirikare n’ibisata Bikuru Bikuru vyaho. Nkuko amakuru atangwa n’abasirikare avyemeza.
  2. Bamwe mubanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura ngo ntibabona uko bagiye kubahoa kuko ibicuruzwa vyose vya nkenerwa vyaduze ibiciro kubera ibura ry’igitoro. Ukwiyunguruza, ukugura amakara yo gukinjika, ngo ni bimwe mu bintu bibahanze cane. Basaba Leta gusubiza ho ibigega vy’integabizoza vy’igitoro.
  3. Ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa essence canke mazout burahagaritse umutima abanyagihugu bo mu ntara ya Muyinga bafata ingendo zitandukanye bagana iyindi mihingo y’igihugu. Guhera kuruyu wa mbere mu gatondo ka kare, mu ngenzi nyinshi zari ziramutse zija k’umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, abashika ibice 90 kwijana ntibaronse uko biyunguruza. Abashoferi b’imodoka ntoya zikora taxi ntibavyoroheje kuko nabo baciye bikika mu kiza mukuduza igiciro c’itike bongerako amahera ari hagati y’i 5000 ni 10.000.
  4. Reta ngw’itegerezwa gukora ibishoboka igatorera inyishu ico kibazo c’ikena ry’igitoro, mu kurondera uburyo n’abakora mur’ico gisata babifitiye ubushobozi. Ivyo bisabwa na Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi, akaba anarongoye ishirahamwe PARCEM. Ariko faustin Ndikumana akagabisha ko akageso k’ibiturire na nkunzi katavuye ho, ico kibazo kitazopfa kivuye mu nzira.
  5. Abavyeyi barereye kw’ishure shingiro rya Nyabisindu muri commune n’intara ya Cankuzo barababazwa nuko abarongoye indero muriyo ntara ataco bariko barakora muguhana uwurongoye iryo shure yagirizwa ko yoba ashurashuza abana biga kuriryo shure. Bamwe mubavyeyi barituye uburongozi bw’indero haba muri commune no mu ntara kuvyashikiye abana babo ariko bagatangazwa kwata ngingo nimwe yafatiwe uwo muyobozi muri kino gihe agitonda ukuri kwamye ku mirimo yiwe.
  6.  Abandi basaba ubutungane n’Abanyagihugu bo ku mutumba Gitaba commune n’intara ya Rutana basaba ubutungane k’umwigisha wo kw’ishure rya Buta muri commune ya Rutana nyene yahohotewe. Urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD ku mutumba Gitaba, ari narwo rwamuhohoteye, barahagaritswe kurico caha, ariko inyuma y’iminsi 3 bakaba baciye barekurwa kw’itegeko rya buramatari w’intara ya Rutana Olivier Nibitanga.

 

 

 

Ibindi bisa n'ibi