Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/01/2021

Publié le 13 janvier 2021 par Rédaction
I. Hari umugabo yaraye yishwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri rishira uwa gatatu mw’ikambi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzania. Iyo mpunzi y’umurundi azwi kw’izina rya Issa, yishwe arasihwijwe inkoho. Ababanyi bakagiriza igipolisi ca Tanzania ko coba kibifisemwo uruhara.
II. Mw’ishirahamwe CBDH–VICAR barababazwa n’itotezwa ribandanya rikorerwa impunzi z’abarundi ziri muri Tanzaniya, gushika aho bicwa. Léopold Sharangabo, icegerera c’uwurongoye iryo shirahamwe, asaba igihugu ca Tanzaniya gukurikiza amasezerano yo gukingira impunzi cateyeko igikumu, HCR nayo ikava mu gacerere irimwo.
III. Ifatwa agasakisaki rya bamwe mu banyagihugu bo mu Maramvya muri komine Burambi, y’intara ya Rumonge, ngo ryoba ritegekwa n’umukuru wa zone Prime Ndayisenga. Ivyo bivugwa n’abanyagihugu b’aho mu Maramvya, aho bavuga ko aha nini hafatwa abasanzwe bari mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi CNDD-FDD ku vyagiriji bidafashe. Muri komine Buyengero naho, amakuru atangwa n’abanyagihugu yemezako abafatwa bafatishwa n’uwurongoye umugambwe CNDD-FDD muri iyo komine.
IV. Kuri uno wa gatatu, umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yagendeye ibibanza vyo kwipimishirizamwo umugera wa COVID-19 biri mu gisagara ca Bujumbura. Mu butumwa yatanze, harimwo ko abantu bokubahiriza ingingo zo kwirinda uwo mugera, na cane cane kwambara udufukamunwa igihe cose umuntu agiye ahakoranira abantu benshi.
V. Inyuma y’ingingo yaraye ifashwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, itegeka abunguruza abantu muri rusangi kwambara udufukamunwa mu gihe bari mu kazi kabo, guhera kuri uno wa gatatu, hamwe hamwe mu gihugu iyo ngingo yatanguye gukurikizwa, ariko hakaba n’ahandi itubahirijwe. Ukwo vyari vyifashe mu gisagara ca Bujumbura be no mu ntara ya Muyinga.
VI. Abajejwe intwaro n’igipolisi mu ntara ya Rumonge bashizeho ihadabu rizocibwa abatambaye ubupfukamunwa muri iyo ntara. Naho biri uko, abanyagihugu bo muri iyo ntara bavuga ko bataronka aho babugurira. Naho kubwambara vyatanguye kuri uyu wa gatatu, muri iyo ntara ntibiratangura gukurikizwa kuri bose mu gisata c’abunguruza abantu.
VII. Abakozi bo ku bitaro vy’ i Makamba bariyamiriza ingingo nshasha yo guhana abakozi bakoze amakosa bidakurikije amategeko agenga abakozi ba leta. Ivyo bihano navyo bikaba ari uko umukozi akoze ikosa, azohora akurwa amanota. Uwuzoba ari munsi y’amanota 50 umwaka uheze akazoca yirukanwa mu kazi. Abo bakozi batinya ko ivyo bizofasha ubuyobozi kwirukana uyo wese badashaka.

Ibindi bisa n'ibi