I. Ikigo c’imyimenyerezo yo guca inkofero y’urwatsi rutoto bita centre commando yarasubiye gutangura kuri uyu wa gatatu, inyuma y’indwi zibiri zari ziheze yarahagaritswe. Imvo zari zatumye ihagarikwa, ni urupfu rw’abasirikare indwi, mu ndwi ya mbere iyo myimenyerezo itanguye, aho bavuga ko abapfuye bahitanywe n’amahiri bakubiswe n’ababigisha ivyigwa vya gikomando bita aba instructeurs.
II. Abantu bagera ku ndwi barishwe, ikiziga kimwe kiratorwa mu mataliki ya nyuma asozera umwaka wa 2021 mu karere ka komisariya y’igipolisi mu buseruko. Ivyo bimenyeshwa na Désiré Nduwimana, umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi, hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane ku bijanye n’ingene umutekano wari wifashe mu minsi ya nyuma isozera umwaka. Umuvugizi w’igipolisi avuga kandi ko muri ako karere habaye amasanganya agera ku munani mu mpera z’umwaka yahitanye abantu bane, abagera kuri cumi na bane barakomereka.
III. Urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ruriyamiriza itozwa ku nguvu ry’amafranga 1000 ku kwezi mu kiringo c’imyaka itanu, iryo tozwa ry’amafranga ririko ritegekwa abigisha bose bo mu ntara y’uburezi ya Muramvya, amafranga yo kwubaka ingoro y’umugambwe CNDD-FDD mu ntara. N’inyuma y’inama yahuje abayobozi b’amashure mu ma komine. Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa mu runani FORSC aributsa umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ko ibihe vy’intwaro y’umukazo y’umugambwe umwe vyarenganye, bagerageze bagendere amategeko agenga igihugu.
IV. Mu makuru y’impunzi, urunani FODIB ruhurikiyemwo abarundi baba mu bihugu vya bulaya ruratewe umutima uhagaze n’ingene impunzi z’abarundi baba mu makambi ya Nduta na Nyarugusu ari mu gihugu ca Tanzaniya ziriko ziraburabuzwa n’abategetsi b’ico gihugu, kugira zitahe ku nguvu. Urwo runani rukababazwa n’uko ico gihugu ca Tanzaniya kibikora hahonyazwe amategeko mpuzamakungu cateyeko igikumu, yerekeye gukingira impunzi. Urunani FODIB rusaba leta ya Tanzaniya hamwe n’ishirahamwe riraba ivy’impunzi HCR gukora ibishoboka kugira ngo izo mpunzi zihabwe agateka zikwiye. Oscar Butare arongoye urunani FODIB.
V. Mu nkino 12 zimaze gukinwa mu gikombe ca Afrika kigize ica 33, hinjiye ibitsindo 12. Ibihugu vyo mu buraruko bwa Afrika bikaba bitariko biritwara neza nk’uko vyari vyitezwe kiretse Maroc. Kuri uno wa kane, igihe Cameroun na Cap-Vert vyotsinda bizoba bironse itike yo gukina igice c’umunani gishira ica nyuma.