I. Abanyororo barenga 140 ni bo bamaze kumenyekana ko banduye ikiza Covid 19 mw’ibohero rikuru rya Bubanza kuva batanguye gupimwa kuri uyu w’Imana uheze. Ubwoba ni bwinshi mu bandi banyororo kuko kiretse babiri ba mbere bari bapimwe ku w’Imana bajanwa mu bitaro, abandi banyororo batowe ico kiza bagumijwe aho mw’ibohero.
II. Agatotezo kabandanya gukorerwa umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye gushika mw’ibohero apfungiwemwo kabazwa ubutegetsi budahengeshanya kumuhohotera. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu Reporters Sans Frontières (RSF). Umumenyeshamakuru ata caha kigaragara yakoze atari umwuga wiwe. Sadibou Marong ajejwe umugabane wa Afrika muri RSF asigura ko yaba urubanza rwaciriwe uwo mumenyeshamakuru, yaba agatotezo agirirwa mw’ibohero, vyose ari ibimenyetso vy’uko ubutegetsi buterekwa umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi. Twibutse ko kuri uno wa kane mw’ibohero rikuru rya Muyinga, umwe mu bafungwa baho yiyadukije akubagura uwo mumenyeshamakuru anamugabisha bo bagiye kuzohigura.
III. Abarongoye abandi mu gisirikare c’Uburundi mu ntara n’ibisata bitandukanye, biriwe mu nama n’umukuru w’igihugu, inama yabereye mu ntara ya kabiri ya gisirikare i Gitega kuri uyu wa gatanu. Amakuru atangwa n’abasirikare avuga ko inama aha nini yariko ica irya n’ino ibibazo bitandukanye, harimwo na bimwe mu bituma abasirikare bidogera indongozi zabo ku rwego rw’igihugu.
IV. Kuva kuri uno wa gatanu, komine ya Rumonge yaronse umusitanteri mushasha. Yatowe n’abajenama ba komine. Akaba yasabwe n’abanyagihugu kugira amaso ntagire amatwi.
V. Ntawemerewe kubikura mu manoti amafranga arenga imiriyoni 15 z’amarundi ku musi, canke ngo arenze kubikura imiriyoni 100 ku kwezi. Ingingo yafashwe n’ibanki ya Republika y’Uburundi BRB. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uyu wa gatanu, Dieudonné Murengerantwari arongoye banki nkuru y’igihugu, yamenyesheje kandi y’uko amazu avunja amafranga agera kuri 14 ari yo amaze gusaba gusubira gukora, muri ayo, 2 niyo aza ariko arakora, atandatu yandi akaba agiye gutangura gukora.
VI. Imyidogo ni yose mu bandandaza bo muri komine Muruta mu ntara ya Kayanza, bivuye ku mahera bariko baratozwa ngo yo kwubaka ingoro y’umugambwe CNDD-FDD. Iyo ntererano ikaba yiriwe irasabwa abo badandaza kuva mu gatondo k’uyu wa gatanu, mu gihe umunyamabanga w’uyo mugambwe mu ntara yari yagendeye iyo komine. Abo banyagihugu bakiyamiriza iyo ngendo.
VII. Hari ubunywero bwugawe kuri uno wa gatatu n’abajejwe intwaro muri komine n’intara ya Rumonge. Iyo ngingo ikaba yafashwe iturutse ku kutubahiriza ingingo y’ibiciro vy’ibinyobwa vya Brarudi. Abanyagihugu basaba abajejwe intwaro gukuraho akajagari kibonekeza muri urwo rudandazwa.