I. Abakozi b’Umugwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI, bakora akazi kabo nk’abacengero, kubera badafata umwanya ukwiye kugira bige ama dosiye y’aba kandida bagomba kwitoza. Ivyo n’ivyashikirijwe kuri uyu wa gatanu, na Domitien Ndayizeye, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Ivyo akaba abivuze inyuma y’aho umugwi CENI wankiye dosiye yiwe mu kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu nk’umu kandida w’Urunani Kira-Burundi. Ku bwiwe, umugwi CENI urakwiye kworohereza abanyepolitike bose mu butandukane bwabo, bagahiganwa bose mu matora ku neza y’igihugu.
II. Kubona urwaruka rw’imbonerakure rukora nk’igipolisi, ni bimwe muri vyinshi bituma umugambwe CNDD-FDD wihagira ikibuga ca politike. Ivyo vyavuzwe n’umuhinga Thierry Vircoulon, akaba yabivugiye kuri radiyo RFI Afrique, kuri uyu wa gatanu, nk’umuhinga arongoye ikigo c’abafaransa kijejwe imigenderanire muri Afurika yo hagati.
III. Nayo ku kibazo c’ukwo Evariste Ndayishimiye agiye kuzana impinduka, Thierry Vircoulon avuga ko atakinini yiteze kuri Evaritse kuko asanzwe ari mu mugwi w’intwazangabo zifise ipete rya general, utwara igihugu kuva ku ntwaro ya CNDD-FDD
IV. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaraye ashize umukono kw’itegeko rimugena kuba ari Imboneza nkuru mu gukunda no mu kuzirikana igihugu, Guide suprême du Patriotisme mu kinyamazuru. Mu runani rw’abanyepolitike baharanira amasezerano ya Arusha CFOR, bamenyesha ko ivyo umukuru w’igihugu yakoze bitabaho mu mategeko, ngo akaba yoba yabikoze kuko we nyene n’abamwegereye batigeze batahura ibibanza barimwo, n’ivyo batarekuriwe gukora. Jérémie Minani avugira CFOR-ARUSHA.
V. Akaranda ka Corona Virus muri kino gihe karabangamiye igisata c’inkino. Amashirahamwe menshi y’ibihugu bikomakomeye mu mupira w’amaguru, mu bihugu vya buraya, akaba amaze guhagarika amahiganwa. Si mu mupira w’amaguru gusa, kuko no muri basketball amahiganwa ahatari hake yarahagaze.
VI. Mu Burundi ngo harakwiye gufatwa ingingo mu bushikiranganji bw’inkino, ingingo zunganira izafashwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira hakingwe akaranda ka corona virus. Ivyo bivugwa na Muganga Boniface MARONKO, umuhinga mu bijanye n’indwara z’ibiza, aho asaba ko amahiganwa atandukanye yohagarara, gutyo abanonotsi bakingirwe n’igihugu muri rusangi.
VII. Impunzi z’abarundi bari mw’ikambi y’i Mulongwe muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bamenyesha ko bamaze amezi abiri bataronswa amafranga y’ugusuma ivyo bafungura nk’ukwo bisanzwe. Babajije mw’ishiramwe HCR ngo nta nyishu baronka. Amakuru dukura aho, akamenyesha ko bamwe muri izo mpunzi, baca birara mu mirima y’abanyeCongo inyuma y’ikambi, bakiba. Abaserukira izo mpunzi barahumuriza ko kuwa mbere uza, umuti w’ico kibazo uzoba wabonetse.