Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/03/2021

Publié le 13 mars 2021 par Rédaction
I. Imvugo yahavuye ijana n’ingiro, inyuma y’aho yidogeye umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yahavuye afata ingingo kuri uno wa gatatu yo kumubogoza. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi babona ko ari intambwe umukuru w’igihugu yateye, bakamusaba kwerekana ububasha afise no ku yandi madosiye azingamitse igihugu.
II. Ishirahamwe rigwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta, OLUCOME, rirashima ibikorwa vy’uguhagarika mu kazi bamwe mu barongozi bagirizwa ugukoresha nabi ubutunzi bw’igihugu. Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe agasaba umukuru w’igihugu no gukurikiza amategeko y’igihugu atuza igiturire, hamwe n’ugushiraho umugwi wo kwama utanga umuco kw’itangwa ry’amasoko ya Leta.
III. Hari impunzi z’abarundi zitatu ziri mu gihugu ca Ouganda mu gisagara ca Kampala zahagaritswe n’igipolisi co muri ico gihugu. Ni mu gihe umwe muri bo azwi kw’izina rya Ndihokubwayo Désiré asanzwe akora akazi ko kwunguruza abantu n’ipikipiki, yahawe ikete n’umuntu atazi ngo ayishikane ahantu mu biro. Amakuru duhabwa n’umwe mu ncuti ziwe atumenyesha ko iryo kete ryarimwo inyandiko zijanye na politike. Akaba arico gituma uwo Désiré yaciye ahagarikwa n’igipolisi. Bagenzibe babiri babimenye baciye baja kubaza ico afungiwe na bo nyene baciye bafatwa. Imiryango yabo iratabaza kuko kuva ico gihe atawuramenya iyo bafungiwe.
IV. Ikigabane Kw’Isôko kigaruka ku co amategeko yoba ategekanya ku bijanye n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu ku baba bafunzwe. Ni mu gihe haheze imisi umukuru w’igihugu atanze ikigongwe ku banyororo barenga 5.000, ariko gushika uyu musi bakaba batarasohoka ibohero.

Ibindi bisa n'ibi