I. Urwego rwa gisirikare bita FRAD rwemejwe kuri uyu wa mbere n’inama nshingamateka, ruteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro. Ivyo biri mu nsiguro zatanzwe n’umushingamateka Agathon Rwasa mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, imbere yo kwemeza integuro y’itegeko ishiraho urwo rwego mu gisirikare. Uyo arongoye umugambwe CNL yasiguye ko urwo rwego rudakenewe mu ntwaramiheto z’Uburundi, kuko igisirikare gisanzwe gifise ubushobozi bukwiye.
II. Kubwa Jérémie Minani arongoye umugambwe RDB, ngo ico gisirikare nta kindi kije gukora atari kubandanya gukora amabi mu gihugu. Asigura ko ari umukenyuro w’umugambwe uri ku butegetsi ugamije gusubirira ubwicanyi bukorwa n’imbonerakure, zimaze imyaka zinegurwa n’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi.
III. Igisirikare FRAD c’intega bizoza kizoba gihurikiyemwo abakukuruke mu gisirikare hamwe n’urwaruka, biragoye kugira kizobangikane n’igisirikare ca leta mu gukingira igihugu. Bishikirizwa na Gratien Rukindikiza, umuhinga mu vya gisirikare, mu gihe integuro y’itegeko rishiraho ico gisirikare c’intega bizoza yemejwe n’inama nshingamateka kuri uyu wa mbere. Kubwa Gratien Rukindikiza, ni habanze hihwezwe abazoba barimwo, n’ingene bazokwigenza.
IV. Imyidogo ni yose mu banyagihugu b’abanyecongo baba I kiliba muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo biturutse ku basirikare b’abarundi n’imbonerakure zihohotera abanyagihugu. Akarorero ka hafi akaba ari umusore yunguruza abantu kw’ipikipiki, yakubiswe n’abasirikare b’abarundi bari kuri ubwo butaka bamuta mu ruzi Rusizi. Ivyo bakaba babikoze mu gihe bariko baratahuka mu Burundi, basubirijwe n’abandi, hari kw’igenekerezo rya cumi za kuno kwezi.
V. Ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa essence bwabaye ndanse mu gisagara ca Kayanza, aho kimaze hafi indwi zibiri kitaboneka. Ivyo bigatuma abantu bitakiborohera kwiyunguruza, na rirya muri kino gihe hari imiduga n’amapikipiki bitagisohoka, vyamaze kubikwa mu mihana kubera iryo kena. Iyo hagize umuduga ubonetse, abiyunguruza bacibwa amafranga agwijwe hafi na kane canke gatanu, ufatiye kuyo bahora barihishwa. Abanyagihugu bagasaba leta gutorera inyishu ico kibazo c’igitoro gisa n’icabaye akayoberabahinga, kugira ubuzima bubandanye ukwo bwahora.
VI. Abanyagihugu bo ku mutumba Gasasa muri komine Butaganzwa y’intara ya Ruyigi, basaba ko abajejwe intwaro n’umutekano bocungera umutekano w’umunyagihugu waho, bavuga ko ageramiwe. Uwo ni uwitwa Adrien Nimpagaritse, yavugiye kuri télévision TV5 Monde, ko yiteguye gufasha impunzi z’abanya Ukraine mu gutanga ibiro ijana vy’ibigori. Uwo munyagihugu akaba aherutse guhakwa kunyuruzwa n’abantu biyise abamenyeshamakuru ba radio BBC, baje mu modokari ifise ibiyo bitabona bari kumwe n’umuntu ari mu mwambaro w’igipolisi.