Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/04/2023

Publié le 13 avril 2023 par Rédaction
I. Umugambi wo gukoresha amakarata ndangamuntu akozwe mu buhinga bwa none mu Burundi uriko urategurwa. Vyashikirijwe na Martin Ninteretse, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, hari kuri uyu wa kane, mu nama yahuje ubwo bushikiranganji na PNUD, ishami rya ONU rijejwe iterambere. Akaba yamenyesheje ko ama komine 11 amaze kuronswa ubwo buhinga bwa none mu bijanye n’impapuro zimwe zimwe za nkenerwa, bizeye no kuzobandanya no mu zindi zisigaye.
II. Harabandanya kuvugwa ubusuma bw’ibibazo mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Makamba. Abigisha bo kw’ishure ryisumbuye rya Bukeye riri muri komine Kibago, basaba umuco ku kibazo co mu mwaka wa 3 w’ubuhinga, bavuga ko caranzwemwo ubusuma bwoba bwakozwe n’uwujejwe ivyigwa kuri iryo shure. Abo barimu bagabisha kuzohava badatanga amanota yo mu gice ca kabiri ari hamwe ata matohoza yokorwa.
III. Imiriyoni zirenga 36 z’amafranga y’amarundi ni yo yibwe ku musi wa mbere w’ino ndwi mu kigega c’iterambere ry’abanyagihugu (FADECO Microfinance), ishami ryo muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga, n’uwararongoye ishami rya FADECO aho nyene mu Giteranyi, azwi kw’izina rya Pontien Havugimana, ngo afatanije n’umunyabigega, nk’ukwo amakuru ava mu ntwaro aho nyene mu Giteranyi abimenyesha. Havugimana ngo akaba yaciye ahunga asiga muhira iwe ipikipiki y’akazi, n’imfunguruzo z’isandugu ntamenwa. Ayo makuru akemeza ko igipolisi camaze guta muri yompi umunyabigega kikaba kiriki kirondera Potien Havugimana.
IV. Amafranga ari hagati y’amajana abiri n’amajana umunani (200-800) ni yo abadandaza ibinyobwa vya BRARUDI biyongereye ku biciro bizwi n’amategeko vy’ibinyobwa vyambiye n’ibitambiye mu ntara ya Muyinga. Ivyo biciro birababaza abaguzi muri iyo ntara, bakavyagiriza bamwe mu badandaza bihaye uburenganzira bwo kwishingira ibiciro. Abaguzi barasaba bashimitse abategetsi mu ntwaro no mu gipolisi, kugira basubize abo badandaza ku murongo.
V. Igihugu kibanyi c’Urwanda kiriko citegurira kwandikisha ivyibutso vy’ihonyabwoko rwakorewe abatutsi muri UNESCO. Ivyo bimenyeshwa n’umushikiranganji w’Ubumwe, Dr Bizimana Jean Damascène. Yabimenyesheje igihe hasozwa kuri uno wa kane, indwi yo kugandarira abahitanywe n’ako gahomerabunwa kakozwe mu 1994. Kubwa Bizimana Jean Damascène, ngo ivyo vyibutso vyanditswe muri UNESCO, bizofasha kumenyekanisha kurusha ivy’ayo mabi, kugira ntibizosubire gukorwa kw’isi.
VI. Kubwa Karori Mukasi yahoze arongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA, abarundi bakwiye kuhakura icigwa, ko umugambwe wubakiye ku vyiyumviro vy’amacakubiri n’ivya genocide, ukwiye gucibwa mu makungu na cane cane mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi