I. Amahinyu ni yo yaranze urubanza rw’abagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi mu mwaka wa 2015 hari kw’igenekerezo rya 13 Rusama, haraciye imyaka indwi. Umushingwamanza Janvier Bigirimana, aranegura uko sentare yaciriye imanza z’akarenganyo abari mu mugwi w’abanyepolitike, abadaharanira ivyicaro vya politike, abashingwamanza be n’abamenyeshamakuru, abantu ata sano bari bafitaniye n’abasirikare bashatse guhirika ubutegetsi. Umushingwamanza Janvier Bigirimana asigura ko ata rubanza rwabaye kuri uwo mugwi w’abo bantu, akabigereranya ahubwo n’ingingo ya politike yafashwe n’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi.
II. Abo baciriwe imanza zo gupfungwa ubuzima bwabo bwose muri iyo dossier, bose bari mu buhungiro. Umushingwamanza Janvier Bigirimana avuga ko, ingingo ya politike biciye mu biganiro ari yo nzira yotora umuti w’iyo dossier itigeze ihabwa intumbero y’ubutungane.
III. Inyuma y’ico gihe hakwirikiye ubwicanyi ku batavuga rumwe n’umugambwe CNDD-FDD hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Izo mpunzi uyu musi zibayeho mu buzima bugoye cane cane iziri mu bihugu vya Tanzaniya na Congo. Ivyo bigaragazwa n’icigwa cashizwe ahabona n’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwo muntu ACAT Burundi. Ni mu gihe iryo shirahamwe ryashize ahabona ico cigwa mu ntumbero yo gusaba ko uwari we wese yogira ico ashikirije, kugira ico cigwa kizofashe mu gusabira izo mpunzi ko amashirahamwe mpuzamakungu yogira ico ahinduye ku buzima bwazo. Umushingwamanza Armel Niyongere aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ACAT-Burundi.
IV. Kuri ubwo buzima bugoye ku mpunzi, ababa mw’ikambi y’i Dzaleka mu gihugu ca Malawi harimwo n’abarundi, barataka batakamba ko bagiye kwicwa na kigoyi kuko bamaze amezi 2 bataronswa imfashanyo y’ibifungurwa. Ama kwacha, amafranga y’amanya Malawi 5 000 bahora baronka ku kwezi buri muntu, ni ukuvuga hafi 12 500 mu mafranga y’amarundi, ntayo bakironka, naho atashobora kubamaza ukwezi. Kubera ikigoyi, hasigaye hibonekeza ubusuma muri iyo kambi. Basaba igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR, kubaronsa ibifungurwa ahandi ho, bagiye kwicwa n’inzara.
V. Léopold Sharangabo arongoye urunani CBDH-VICAR rwitaho agateka k’impunzi mu karere, asaba ishirahamwe rijejwe impunzi HCR kuvugira izo mpunzi kugira zironke imfashanyo ikwiye mu bifungurwa, aho kubigabanya. Cane cane kino gihe ikibazo c’ugufungurira impunzi haheze imisi cigaragaza mu makambi nka yose arimwo impunzi z’abarundi.
VI. Umugwi MCVE ujejwe ibibazo vy’umutekano mu karere ugizwe n’abasirikare bava mu bihugu vyo muri kano karere nyene k’ibiyaga binini usanzwe uri mu rugendo mu makambi y’impunzi atandukanye mu karere, uno munsi ubarizwa mw’ikambi y’i Nakivale mu gihugu c’Ubuganda. Intwazangabo iserukira Uburundi muri ivyo bikorwa, si lieutenant-colonel Pierre Claver Nahimana nk’ukwo twari twabibashikirije mu makuru yacu yo ku munsi wa kabiri, ahubwo ni lieutenant-colonel Esdras Nkurikiye. Uyo mugwi ukaba wari mw’ikambi ya Mahama mu gihugu c’Urwanda ku musi wa mbere uheze. Amakuru ava muri ayo makambi y’impunzi z’abarundi zibazwa impamvu zitarataha mu gihugu c’amavukiro. Izo mpunzi na zo zikaba zashize imbere ibibazo vy’umutekano muke ukirangwa mu gihugu, aho hakirangwamwo abicwa, abanyuruzwa n’abahagarikwa bahorwa ivyiyumviro vyabo vya politike canke ubwoko.
VII. Abanonotsi batandatu bo mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda basaba imfashanyo y’amafranga arenga ibihumbi amajana indwi y’amanyarwanda kugira ngo bazokwitabe ihiganwa mpuzamakungu ryitiriwe Amahoro rizobera I Kigali kw’igenekerezo rya 29 za kuno kwezi. Niyonsaba Ferdinand arongoye ishirahamwe ry’abanonotsi i Mahama avuga ko ishirahamwe Save the Children ryahora ribafasha ryabamenyesheje ko ata buryo rifise. Avuga ko kutitaba iryo higanwa rwoba ari uruhombo, kuko aho baheruka kwitaba bene ayo mahiganwa mu 2017 baronse ibibanza vyiza.
VIII. Kuri uno wa gatanu niho Jimmy Ndayizeye amenyereza umugwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru yasohora urutonde rw’abakinyi 30 azokinisha mu nkino zo kurondera itike yo kuja mu gikombe ca Afrika, kizobera muri Côte d’Ivoire mu mwaka uza wa 2023. Muri abo bakinyi, dusangamwo batatu bakina mu Burundi, 14 bakina ku mugabane wa Afrika , 13 bakina iburayi no mu bihugu vy’abarabu. Karim Nizigiyimana yahoze ari kizigenza w’Intamba Mu Rugamba akaba yari yasezeye inyuma y’igikombe ca Afrika 2019, yagarutse mu mugwi nserukira gihugu, ubu akaba abarizwa mu mugwi wa Rayon Sport mu Rwanda. Urukino rwa mbere Uburundi buzokina na Namibiya itariki 4 z’ukwezi kwa gatandatu i Johannesburg muri Afrika Y’epfo, urugira kabiri Uburundi bwakirire Cameroun itariki 8 muri Tanzaniya ku kibuga ca Benjamin Mkapa kuko mu Burundi ata kibuga cemewe n’amategeko gihari.