I. Evariste Ndayishimiye agiye kuzotwara igihugu, yasavye abarundi kudakurikiza amarira canke amajambo mabi ku rupfu rwa Petero Nkurunziza. Yabivuze kuri uno wa gatandatu, mu gihe yari ahejeje kwandika mu gitabo co gusezera, uyo yahora ari umukuru w’igihugu. Akamo ka Evariste Ndayishimiye kavuga ko ibihe ari ivyo kurema.
II. Inyuma y’urupfu rw’umuhisi Petero Nkurunziza, umubano hagati y’abanywanyi b’umugambwe CNL n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ntiworoshe mu ntara ya Rumonge. Amakuru avayo akaba amenyesha ko mu bice vyose vy’ubuzi, imbonerakure ziguma zitera ubwoba abari muri CNL.
III. Mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu, muri komine Matana mu ntara ya Bururi, imbonerakure imwe yarakomeretse bivuye ku mishamirano hagati y’abanywanyi b’imigambwe CNL na CNDD-FDD.
IV. Inyuma y’urupfu rwa Petero Nkurunziza, ugiye gutwara ngo ashobora kugira amahirwe yo guhindura ibintu. Bivugwa na David Gakunzi, umwanditsi w’umurundi, akabona ko ukwaka ibirwanisho imbonerakure no kugarukana umutekano biri mu vyotuma ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye bwizerwa n’abarundi.
V. Mu ntumbero yo kwifadikanya n’abarundi umubabaro barimwo bivuye ku rupfu rw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, igihugu ca Tanzaniya cashizeho ikigandaro c’iminsi itatu guhera kuri uno munsi. Hari n’ibindi bihugu bitari bike biguma birungika ubutumwa bwo guhoza abarundi, mbere n’ amabendera y’ibihugu vya Uganda, Kenya be n’Urwanda aduzwa kugeza hagati.
VI. Ikigabane Kw’Isôko c’uno munsi kivuga inyifato y’abategetsi mw’itangwa ry’amakuru, mu bihe bidasanzwe biba bizwi nk’ubu havugwa ikiza c’umugera wa corona mu gihugu.
VII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu barakwije imisi 236 bafunzwe. Bafashwe italiki 22 ukwezi kw’icumi mu mwaka uheze, mu ntara ya Bubanza, igihe bari bagiye muri komine Musigati y’iyo ntara nyene. Bagirizwa gushaka kwifadikanya n’abahungabanya umutekano w’igihugu. Ubutungane bukaba buherutse kwemeza ko baguma mu mvuto