Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/06/2023

Publié le 13 juin 2023 par Rédaction
I. Urugo rw’uwurongoye ikivuko ca Rumonge rwarugarijwe n’abapolisi atari bake kuri uyu wa mbere. Amakuru ava mu gisagara ca Rumonge avuga ko yafatanywe mu mpera z’indwi iheze, ibinyobwa bitari bike vy’ihinguriro BRARUDI, vyo mu bwoko bwa Amstel na Primus. Ivyo binyobwa ngo yagomba  abigurishe muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo biciye kuri ico kivuko nyene. Abanyagihugu bakaba basaba ko yohagarikwa agahanwa hisunzwe amategeko.
II. Abadandaza n’abaguzi bo ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga no mu micungararo yaho, baridogera ingingo iherutse gufatwa n’ibanki nkuru y’igihugu yo guhindura inoti y’ibihumbi 5 n’iy’ibihumbi 10. Abo badandaza bakavuga ko hari bamwe muri bo batakiriwa izo noti za kera, iyo bagiye kurangura ibidandazwa. Ivyo kandi birashikira rimwe na rimwe abaguzi aho abadandaza bamwe bamwe canke abunguruza abantu ku mapikipiki banka kwakira inoti za kera. Musitanteri wa komine Muyinga, Amédée Misago, amenyesha ko izo noti zahagaritswe zibandanya zikora gushika ku wa 17 Ruheshi. Akagabisha abadandaza banka gutora ayo mahera ko bazohanwa hisunzwe amategeko.
III. Mu ntara ya Kayanza, havugwa ibura ry’amafranga yo kuvunjira abashaka gusubiza inoti za bitanu n’iz’ibihumbi cumi. Abanyagihugu bavuga ko bitaborohera, na cane cane kubaba kure mu ma komine ategereye igisagara ca Kayanza. Basaba ko inoti zishasha zoboneka bakabona kwikenura mu two bakeneye.
IV. Umushikiranganji ajejwe inyubako mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uno munsi wa kabiri, yamenyesheje ko umugambi mushasha w’ugutunganya ivy’uburaro, uri mu ngingo yaraye yemejwe n’inama nshikiranganji. Hateguwe ko hazokubakwa inyubako zingana n’ibihumbi mirongo itatu na zitatu ku mwaka. Dieudonné Dukundane akaba anamenyesha ko mu ntumbero yo kuronsa uburaro bwiza abanyagihugu, haharurwa ko mu myaka cumi n’itandatu iri imbere, ko abarundi bangana n’imiriyoni zitanu ari bo bagiye kuba mu bisagara bigize igihugu c’Uburundi.
V. Uwuserukira Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi asabwa kugira ico akoze kugira Clément Nkurunziza apfunzwe imyaka itandatu azira ubusa arekurwe. Akamo gaterwa na Fondation Bene Burundi. Clément Nkurunziza yafatiwe muri Amerika mu mwaka wa 2018 yagirizwa ko yagize uruhara mw’igandagurwa ry’abanyeshure b’abahutu muri kaminuza y’Uburundi mu mwaka wa 1995. Athanase Karayenga arongoye iyo fondation Bene Burundi, amenyesha ko ivyo yagirijwe ata shingiro bifise, ari co gituma kubera uruhara ubuserukizi bwa Amerika bwagize mw’ifatwa ryiwe, Amerika yarikwiye kumuvugira akarekurwa ata kirinze gusabwa.

Ibindi bisa n'ibi