Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/07/2021

Publié le 13 juillet 2021 par Rédaction
I. Ishirahamwe FOCODE riratewe umutima uhagaze n’inyuruzwa rya Merthus Mahoromeza yanyurujwe mw’ijoro ryo ku wa kane rishira ku wa gatanu w’indwi iheze, mw’i Shatanya mu gisagara ca Gitega gushika ubu atawuramenya irengero ryiwe. Pacifique Nininahazwe akavuga ko kenshi bene abo bantu baca bagandagurwa.
II. Abantu umunani nibo bamenyekanye ko banyurujwe bakaburwa irengero kuva ukwezi kw’indwi gutanguye. Amatohoza ya Radiyo Inzamba yerekana ko umwe muri bo yatowe ikiziga, abandi nabo bivugwa ko hoba hari abaja baramaze kugandagurwa. Benshi muri abo, bafashwe n’abantu bari mu nzego z’umutekano. Imiryango yabo ntibasiba gusaba kumenya iyo ababo batwawe. Mu gipolisi rimwe na rimwe bavuga ko bariko baratohoza.
III. Ihagarikwa ry’agasakisaki rikorwa n’uwurongoye iperereza mu ntara ya Makamba ririyamirizwa na bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu muri iyo ntara. Mu kiringo c’amezi abiri, abantu 9 harimwo umukenyezi 1 barahagaritswe, mbere bamwe muri bo bakaba ngo batazi iyo bapfungiwe.
IV. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ari mu rugendo rw’imisi ibiri mu Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo kuva kuri uno wa mbere. Mu bimujanye harimwo kuganira na mugenzi wiwe wa Congo Félix Antoine Tshisekedi ivy’umutekano muke uvugwa mu buseruko bw’ico gihugu. Muri urwo rugendo kandi, bazosinya amasezerano atandukanye ajanye n’iterambere.
V. Umwigisha azwi kw’izina rya Juvénal Ndayiragije wo kw’ishure shingiro rya Kizuga, komine Buyengero, intara ya Rumonge kuri ECOFO, yagirizwa gushaka gushurashuza abana, yaranse kwerekana amanota y’abana 2 bamwagiriza ko yashatse kubashurashuza. Hari kuri uyu wa mbere aho kuri iryo shure hari hasazwe haba inama y’abarimu kugira ngo yihweze abana bamenye n’abatamenye ico bita délibération mu gifaransa. Abigisha bagenziwe bakaba baguma biyamiriza iyo nyifato ya Juvénal babona ko ariyo kubambika urubwa.
VI. Urubanza rw’ikibiriraho rw’umuganga wo kw’ivuriro rya Cabara muri komine n’intara ya Rumonge rwari rwitezwe kuri uyu wa kabiri, rwungurujwe kuri uwu wa gatatu na Parike ya Rumonge. Sentare imaze gusasa, umushingwamanza w’uwagirizwa yamenyesheje ko atarasoma dosiye, acasaba ko bomuha umwanya. Uwo muganga yagirizwa ko yafashe ku nguvu umwigeme yari aje kwivuza kw’ivuriro rya Cabara. Mu muryango witwaye, agashavu karaniga. Bavuga ko batumva impamvu urwo rubanza ruguma rwigizwa inyuma. Amakuru ava aho mu rumonge, akaba avuga ko hari ibihangange mu butegetsi, mu gipolisi no mu mugambwe biguma binyinyurana kugira ngo uwo muganga yezwe. Ariko naho biri uko, uwo muganga kuva agifatwa yari yagumye avyemera, aranatanga n’ibihumbi amajana abiri vyo gusaba ikigongwe nk’uko mu muryango w’umwigeme bavyemeza.
VII. Ikoreshwa mu Burundi ry’amafranga mvamakungu mu bijanye n’amasezerano, irihwa ry’ibidandazwa n’akazi, birabujijwe n’ibanki nkuru y’igihugu. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, Diane Joselyne Bizimana arongoye igisata co kumenyesha amakuru, yongeyeko ko abashaka kuriha ibidandazwa biva hanze y’igihugu bazobisabira uruhusha.
VIII. Mu gisagara ca Rumonge harangwa ubukene bw’isukari. Bivugwa ko abayihabwa bayinyegeza kugira bayigurishe amahera menshi. Bagasaba ko abajejwe intwaro n’igipolisi bohana abantu bayizimba kuko bikorwa ku mugaragaro.

Ibindi bisa n'ibi