I. Hari ikiziga c’umuntu w’umukenyezi catowe ku mutaga wo kuri uyu wa kabiri, ku mutumba Kizingoma muri komine n’intara ya Makamba. Ico kiziga kitamenyekanye, kikaba caza catanguye kwononekara.
II. Ibirasi vyose vyo mu mashure yisumbuye yo mu mashure shingiro bidashikana abanyeshure 25 co kimwe n’ibirasi vy’abanyeshure badashika 20 mu mashure mato mato, bizofutwa mu ntango z’umwaka w’ishure uza. Ivyo biri mu rwandiko umushikiranganji w’indero yandikiye abayobozi b’indero mu ntara aho avuga ko ari mu ntumbero yo gutunganya neza abakozi bakora mu gisata c’indero no gukoresha neza ibikoresho biri mu mashuri. Bamwe mu bigisha bakabona ko iyo ngingo izogira ingaruka mbi ku banyeshure n’abarezi.
III. Hari imiryango y’abantu ivuga ko igomba kunyagwa amatongo muri komine Buganda mu ntara ya Cibitoke. Amakuru ava muri iyo komine avuga ko abagomba kuyanyaga ari bamwe mu bajejwe intwaro. Abo banyagihugu bakaba basaba abajejwe intwaro ko ikibazo cabo cotorerwa umuti.
IV. Hari inka yaraye ibazwe mu kinyegero ku mutumba Gashasha muri komine n’intara ya Rumonge. Mu gihe hari itegeko ribuza kubaga ibitungwa mu Burundi kubera indwara yabiteye, amakuru ava aho kuri uwo mutumba avuga ko nyene iyo nka yaraye ibazwe yahagaritswe n’abajejwe umutekano, kuri uno munsi wa gatatu, kw’itegeko rya buramatari aho yari yishikiye kuri uwo mutumba. Abanyagihugu bo kuri uwo mutumba baratewe umutima uhagaze, n’inkurikizi zishobora kwibonekeza, kuboba bariye izo nyama.
V. Imiduga 14 kuri 26 ironderwa ni yo imaze gufatwa ihorwa kwinjira hadakurikijwe amategeko ajanye n’ukutariha amakori. Jean Claude Manirakiza arongoye ikigo kijejwe gutoza amatagisi n’amakori ya leta OBR, ari na co kigo cafashe iyo miduga, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yasavye bene iyo miduga kuza kuriha amahadabu be n’amakori y’izo modoka mu kiringo kitarenze ukwezi. Atari ukwo, hazofatwa izindi ngingo hisunzwe amategeko.
VI. Ama mashini asya ibigori n’ibindi bifungurwa yararanduwe kuri uyu wa kabiri mw’ikambi y’impunzi i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Impunzi z’abarundi baba muri iyo kambi zikabona ko ari agatotezo zibandanya zikorerwa n’abategetsi b’igihugu ca Tanzaniya, kugira ngo bate bomoke batahe mu Burundi. Igitangaje kandi kibabaje, ngo n’uko haranduwe iz’abarundi gusa, iza bagenzi babo b’abanye Congo ntizakomakomwa. Basaba uwurongoye iyo kambi kwubahiriza agateka k’impunzi.