Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/08/2020

Publié le 13 août 2020 par Rédaction

I. Abana batatu bari hagati y’imyaka 6 na 12, nibo bitavye Imana bahitanywe na grenade yaturikiye mu Gahahe, karitiye Carama muri Komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bikaba vyabaye hagati y’isaha zibiri na zitatu mu gatondo ko kuri uyu wa kane. Umunani nabo barakomereka nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano. Iyo grenade yaturikiye hafi y’aho abo bana bariko bararorerera imboneshakure yari isanzwe iri muri salon de coiffure. Abantu batatu bakaba bafashwe ku mvo z’amatohoza.

II. Umuntu yatowe ikiziga mu gatondo ko kuri uyu wa kane, mu kirabo co ku mugwa mukuru w’intara ya Cibitoke, muri komine ya Rugombo. Uwo muntu azwi kw’izina rya Melchior Butoyi, avuka muri komine Musigati mu ntara ya Bubanza. Yahora acungera akabare kitwa Gisupusupu. Amakuru ava ngaho muri komine, akavuga ko yoba yanizwe n’abantu bataramenyekena, abantu batatu bakaba bahagaritswe n’igipolisi ku mvo z’amatohoza. Ayo makuru nyene akavuga ko muri iyo ntara ya Cibitoke, havugwa ubusuma bwimonogoje mu bice bitandukanye vy’iyo ntara.

III. Imyaka 16 irarumanye uyu musi ubwicanyi bwakorewe impunzi z’abanyecongo b’abanyamulenge bubaye.  Ubwo bwicanyi bwahitanye abarenga 150, bwabereye mu Gatumba aho bari bahungiye mu burengero bw’igisagara ca Bujumbura. Gushika ubu nta n’umwe yigeze afatwa mu babikoze, naho hariho ababwemanze.

IV. Nta butungane buraba ku bazize igitero cabaye mu Gatumba mu 2004 mw’ikambi y’impunzi y’abanyamulenge, inyuma y’imyaka 16 bibaye. Abanyamulenge baranegura ingene amakungu n’ubutungane bw’Uburundi bigize sindabibazwa mu guhana abagize ubwo bwicanyi. Alex MVUKA, aserukira abanyamulenge barokotse.

V. Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, FORSC, ariyamiriza imvugo y’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre Nkurikiye, aho yaraye yifatiye mu gahanga abarongoye ayo mashirahamwe bahunze, abagiriza gukamisha impunzi. Kubwa Vital Nshimirimana, imvugo nk’iyo yerekana ko Leta y’Uburundi itariko irashaka gutorera umuti ibibazo vyatumye abarundi bahunga.

VI. Urwego rw’inama nshikiranganji y’akarere ka Afrika y’ubuseruko isaba ibihugu vy’Uburundi na Sudani yo mu bumanuko, kuba vyarishe ibirarane vy’amadeni y’amafaranga arihwa n’ibihugu binywanyi vy’ishirahamwe ry’akarere ka EAC, ivyo bihugu birimwo. Mu cegeranyo c’inama nshikiranganji y’akarere ka EAC, hakaba hapfunditweko kugeza italiki ya 15 y’ukwezi kwa Nyakanga kuza, ibihugu bitazoba birariha ibirarane, bizofatirwa ibihano. Ku ruhande rw’Uburundi ica gatatu c’imiliyoni zitandatu n’igice z’amadolari aheranywe, aza yararishwe.

VII. Abantu bangana ibihumbi mirongo ibiri na bitanu n’amajana icenda na mirongo itandatu na batatu, nibo biyandikishije ngo baze bitoze mu bajenama b’imitumba n’ama karitiye. Muri abo, abarenga ibihumbi mirongo ibiri ni abagabo. Ivyo bishikirizwa n’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI, Pierre Claver Kazihise, aho avuga ko bishoboka ko hariho abakuwe ku ntonde kuko badakwije ibisabwa n’amategeko. Yabishikirije kuri uno wa kane mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Mwomenya ko ayo matora y’abajenama b’imitumba n’ama karitiye ategekanijwe kw’igenekerezo rya 24 za kuno kwezi, ubu akaba ari mu gihe co kwiyamamaza.

VIII. Eliphaz Niyongabo yahora arongoye iperereza mu ntara ya Muyinga, aragirizwa na bamwe mu banyagihugu bo muri Komine ya Giteranyi, kuba afise uruhara mu rudandazwa rwa magendo rw’ibiharage, vyashoka mu gihugu ca Tanzaniya, urwo rudandazwa akaba yarukorana na bamwe mu bagwizatunga  bo muri iyo ntara.

Ibindi bisa n'ibi