I. Umugabo w’imyaka 55 wo ku musozi Mwungere, zone Mivo na komine Ngozi, yaraye yicishijwe inkota ku muhana iwe n’umuntu ataramenyekana. Uwo yishwe n’uwitwa Anselme Nsavyimana. Inkuru zitangwa n’igipolisi zikemezwa n’abajejwe intwaro zimenyesha ko hari nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro buca ari kuri uwu wa gatanu. Umukenyezi n’umuhungu wiwe baragerageje kumutabara ariko na bo nyene baruhiye gukomeretswa n’iyo nkozi y’ikibi. Uwakoze ico caha yaciye atungwa n’ayo yameze. Abo bakomeretse ubu bakaba bariko baravurirwa ku bitaro vy’aho mu Mivo nyene, aho n’ikiziga c’uwo muntu caciye kijanwa. Inkuru zitangwa n’ababanyi b’uwo muryango zivuga ko inyuma y’urwo rupfu, hoba hinyegeje amatati afatiye ku matongo. Igipolisi kikaba catanguye amatohoza kugira uwakoze icaha amenyekane.
II. Uwuserukira umugambwe CNL muri komine Giharo, intara ya Rutana, yarafashwe kuri uyu wa kane. Ababibonye bemeza ko yahagaritswe n’imbonerakure za CNDD-FDD zirenga 50 ku musozi Butezi muri iyo komine nyene. Uwo bavukana nawe nyene ari muri uyo mugambwe nawe arafunzwe kuva kuri uyu wa gatatu. Abanywanyi ba Agathon Rwasa mu Rutana bavuga ko ako ari agatotezo bariko baragirirwa.
III. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi uratera ivyatsi ifatwa n’ifungwa ry’umukenyezi Evelyne Kamikazi amaze iminsi irenga 20 afunzwe. Yagirizwa na komiseri wa komine Mugamba Moïse Arakaza batazira Nyeganyega ko umugabo wiwe yahoze mu gisirikare ca kera yahunze mu mwaka wa 2015 ari mu migwi igwana. Uwo mukenyezi akaba yafatiwe muri komine Mugamba ku mutumba Mpota uyu munsi akaba yoba afungiwe mw’ibohero ry’iperereza i Bujumbura. Ku bw’umushingwamanza Immaculée Hunja atwara uwo muhari, abona ko iryo fungwa rya Evelyne Kamikazi ryahonyanze amategeko kuko atacaha yakoze. Immaculée Hunja agasaba irekurwa ryiwe.
IV. Hari umunyeCongo yasabwe igiturire imbere y’uko agurisha ipariseri yiwe, muri zone Buterere, komine Ntahangwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Uyo munyecongo bamubwiye ko ata munyamahanga yemerewe kugura n’ukugurisha pariseri, nk’uko bishikirizwa n’umwe mu muryango wiwe. Bamwe mu bafise ubwenegihugu bwa Congo bagasaba ababijejwe gutanga umuco kuri ico kibazo, biciye mu buserukizi bw’igihugu cabo.
V. Imyaka 17 irarumanye aba congomani bo mu bwoko bw’abanyamulenge barenga 150 bagandaguwe muri zone Gatumba iri muri komine Mutimbuzi. Abacitse kw’icumu basa n’abatanguye kwihebura kuzoronka ubutungane, kuko haba ubutungane bw’Uburundi canke mpuzamakungu butarabatunganiriza kandi abakekwa kuba barakoze ubwo bwicanyi bazwi. David Munyamahoro, arongoye ishirahamwe Fondation Gatumba.
VI. Ama sendika yateyeko igikumu ku masezerano yo ku wa 10 Ndamukiza 2015 ku vyerekeye gukosora ivy’ubusumbane bw’imishahara mu buzi bwa leta, asanga leta y’Uburundi ataco iriko irakora kiboneka mu gutorera inyishu ico kibazo. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Ndabaniwe Victor arongoye sendika COSSESSONA yerekanyeko ubusumbane bw’imishahara bucibonekeza hagati y’abakozi ba leta mu bisata bitandukanye vy’akazi. Ivyo leta ibemereye ugasanga n’ukubasubiza inyuma ku ntambwe bari bagezeko.
VII. Abandura ikiza ca Covid-19 baguma biyongera mu gihugu c’Uburundi, icegeranyo c’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida, casohotse kuri uyu wa kane, cerekana ko ku burere bw’ubuvuzi 47 bugize igihugu c’Uburundi, 34 haharurwamwo abanduye. N’ukuvuga ko ibice birenga 72 vy’ubutaka bw’igihugu vyaramaze kwinjiranwa n’ico kiza. Ubwo bushikiranganji busaba gukurikiza amabwirizwa yo kwirinda ico kiza. Ababijejwe bakiyumvira inyishu y’ico kibazo n’urucanco rutibagiwe.
VIII. Leta y’Uburundi irakwiye kubona ko iriko iragirira nabi abanyagihugu kuko biboneka ko mu misi iri imbere ingenzi zose zizotegekwa kubanza kwikingiza umugera wa Corona. Mu gihe abategetsi b’Uburundi bo batitaho gutanguza ugucandaga abanyagihugu, ivyo ngo bishobora gutuma Uburundi bwisanga ukwa bwonyene, kuko kuva ku mukuru w’igihugu basa n’abatumva uwo mugambi. Izo n’impanuro za Muganga Yohani Minani yahoze ari umushikiranganji w’amagara y abantu. Agasaba umukuru w’igihugu ubwiwe kujijuka akabona ko ariwe ategerezwa kudatuma igihugu atwara gikumirwa mu makungu.
IX. Kw’igenekerezo rya 13 Myandagaro uko umwaka utashe n’umunsi mpuzamakungu wagenewe abakoresha ukuboko kw’ibubamfu. Uwo munsi ukaba washizweho mu ntumbero yo kurwanya ikumira n’ihohoterwa rikorerwa abantu bakoresha ibamfu, tutibagiye abana b’abanyeshure baba batanguye kwiga kwandika. Kubw’umwigisha muri kaminuza akaba n’umuhinga mu bijanye n’imibereho y’abana b’abanyeshure Karori Nditije ; ngo gukoresha ukuboko kw’ibamfu s’ubumuga ; agasaba abavyeyi n’abigisha kureka umwana agakoresha ukuboko kumubangukiye ngo niho bitamubangamira mu gukura no guca ubwenge.