Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/08/2022

Publié le 13 août 2022 par Rédaction
I. Abanyagihugu bo muri zone ya Musaga kw’ibarabara rya kabiri hafi y’ishengero méthodiste Libre, bavuga ko mw’ijoro ryo ku munsi wa kane ushira uwa gatanu biboneye ubwicanyi ndengerabutungane bwagiriwe umuntu w’umugabo atamenyekanye. Umugwi w’abapolisi urongowe na chef de poste ku Musaga barikumwe n’uwurongoye quartier ya Kinanira 1, ni bo batungwa urutoki kuba barateguye bongera barica uwo mugabo. Ikiziga ciwe kikaba coba cahavuye kijanwa mu bucagucagu mu bitaro vya Clinique Prince Louis Rwagasore. Umwe muri abo banyagihugu arigana ivyo yabonye.
II. Umukenyezi wo ku mugwa mukuru w’intara ya Rutana yarapfuye mu buryo butaramenyekana, mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri rishira uwa gatatu. Bamwe mu banyagihugu bo ku mugwa mukuru w’intara ya Rutana bakavuga ko yoba yishwe n’umugabo wiwe, asanzwe ari intwazangabo mu gipolisi bari basanzwe batabanye neza. Abo banyagihugu bagasaba ko igipolisi cokora amatohoza yimbitse ku vyerekeye urupfu rwiwe.
III. Umwana akiri muto yaraye ahatswe kwicwa atemaguwe imipanga n’inkozi z’ikibi zibiri, bivugwa ko ari imbonerakure. Ivyo vyabaye mw’ijoro ryakeye muri zone Muyebe iri muri komine ya Musigati, mu ntara ya Bubanza. Abo bantu bakoze iryo bara n’ubu ntawuramenya irengero ryabo.
IV. Abanyagihugu bo ku mutumba Buyumpu wa zone Rugazi muri komine Kabarore, mu ntara ya Kayanza, bavuga ko batekewe n’ubwoba inyuma y’igitero cabaye ku birindiro vy’abasirikare bari mw’ishamba rya Kibira mu gatondo ko ku wa kane uheze. Basaba ko abajejwe umutekano bongerezwa, abajejwe intwaro na bo bakabahumuriza. Ivyo babivuga kuko kuva izo nkoho zumvikanye mw’ishamba rya Kibira, ata muntu n’umwe yigeze aza kubahumuriza canke ngo ababwire inkuru y’imvaho.
V. Kuri uyu wa 13 Myandagaro, ni ho hibukwa ubwicanyi bw’abatutsi b’abanyamulenge, bwabaye mu 2004 muri zone Gatumba intara ya Bujumbura, hafi y’urubibe Uburundi buhana na Congo iharanira demokarasi. Ico gitero cagizwe kuri izo mpunzi z’abanyacongo cahitanye abarenga 150, abandi barenga ijana barakomereka. Umuhari warwanya leta y’Uburundi ico gihe Palipehutu FNL, biciye ku muvugizi wawo Pasteur Habimana, waremanze ko ari wo wagize ico gitero. Haraheze rero imyaka 18 ata wurahanirwa ubwo bwicanyi, ivyo abarokotse bavuga ko bibabaje. Umwe muri bo Joshua Ngiruwombaza yagiriza ubutungane n’abategetsi b’Uburundi kuba birengagiza guhana abagize ubwo bwicanyi.
VI. Abanyeshure barenga gato ibihumbi 19.000 ni bo bahevye ishure mu mwaka w’ishure uheze wa 2021-2022 mu ntara yose ya Kayanza. Muri abo, ibihumbi 17.900 n’abo mw’ishure shingiro, mu gihe 1.150 ari abo mw’ishure ry’inyuma y’ishure shingiro. Ibitigiri vy’abigeme bose hamwe bahevye bangana n’ibihumbi 8.660 mu gihe abahungu ari 10.490. Komine ya Kabarore ikaba ariyo yaharuwemwo benshi bahevye, abo na bo bangana n’ibihumbi 3.415. Mu buyobozi bw’indero muri iyo ntara bakavuga ko abo bana baheba kubera ubukene bwugarije imiryango, n’ukuba urwaruka rutagihurumbira ishure nka kera. Ku ruhande rw’abigeme na ho ngo hakaba hari ababa bagiye kwubaka izabo bataragera, n’abandi baba batwaye inda batipfuza, aho haharurwa abashika 70 bashoboye kumenyekana.
VII. Urunani rw’abaharanira agateka k’impunzi mu makambi yo muri aka karere, CBDH-VICAR, ruratangazwa n’imvugo z’uwurongoye impunzi mw’ikambi y’i Nyarugusu iri mu gihugu ca Tanzaniya, aho uwo mukuru w’impunzi agabisha abatanga amakuru y’ibibera muri iyo kambi. Kubwa Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani, amenyesha ko amakuru yose atangwa aba yatohojwe neza, imbere yo gushirwa ahabona.
VIII. Mu kiganiro « Kw’isôko » c’uno musi, dushimikira ku ngorane y’amatongo ihanze abasangwabutaka mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi