Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/09/2021

Publié le 13 septembre 2021 par Rédaction
I. Umuryango w’uwitwa Théoneste Mbazumutima uratewe amakenga n’uko uwabo amaze hafi ukwezi atawuzi irengero ryiwe. Théoneste Mbazumutima yaba ku  mugwa mukuru w’intara ya Muyinga, yabuzwe irengero kuva mu mpera z’ukwezi kwa munani,  bikavugwa ko yafashwe n’uwujejwe iperereza aho mu  ntara ya Muyinga. Umuryango wiwe usaba ko womenyeshwa aho uwabo afungiwe.
II. Claver Sindayigaya yishwe urw’agashinyaguro. Uwo mutama  wo ku mutumba Mushonge, komine Nyamurenza intara ya Ngozi yicishijwe amahiri, araturirwa yongera ahambwa abiwe atariho bari.  Hari italiki zine uku kwezi. Ivyo vyashizwe ahabona  na Pacifique Nininahazwe arwanira agateka ka muntu akaba n’umukuru w’ishirahamwe FOCODE. Aranegura n’ingene  uwurongoye komine Nyamurenza yagize uruhara mw’iyicwa y’uwo mutama w’imyaka 75 yishwe yagirizwa uburozi.
III. Pacifique Nininahazwe abandanya yerekana ko ivyo uyo musitanteri yakoze vyotuma ashirwa imbere y’ubutungane akabihanirwa.
IV. Abantu barenga 15 nibo bamaze kumenyekana ko banduye umugera wa Covid-19 mu kiringo c’indwi zibiri ku mutumba wa Bwayi wo mu ntara ya Cibitoke. Amakuru dukura muri zone ya Mugina yemeza ko abo bantu banduriye ico kiza mu gikorwa co kugandarira uwahora arongoye umutumba Bwayi. Abanyagihugu bakaba bafise ubwoba bwinshi kubera abandura ico kiza batera biyongera.
V. Muganga Yohani minani yahoze ari umushikiranganji w’amagara y’abantu abonako ibintu bisa n’ivyayangaye aravye abantu baguma bahitanwa n’ico kiza ca Covid-19 mu Burundi. Agasaba umukuru w’igihugu we nyene gufata ingingo ruhasha zijanye no kurwanya ico kiza. Bibaye ngombwa akanabogoza abategetsi batavyifatamwo neza. Bitabaye uko, umukuru w’igihugu na leta yiwe nibo bazobazwa amarira n’amaganya ariko aterwa n’ico kiza mu Burundi.
VI. Mu gihe umwaka w’ishure (w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na rimwe 2021 ushira uw’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na kabiri 2022) watanguye kuri uwu wa mbere, amashure amwe amwe yo mu ntara ya Kayanza na cane cane ayafise indaro, ivyigwa ntivyatanguye uko vyategerezwa kuko abanyeshure batonze badafise icemeza ko bipimishije umugera wa Corona, baca basubizwa inyuma kugira baje kwipimisha  ku turere tw’ubuvuzi tubegereye. Naho biri uko, mu ntara ya Muyinga hoho  abanyeshure biga baba mu ndaro baritabiriye akamo ko kwipimisha  umugera wa Covid-19,  nkuko amakuru atandukanye  ava mu burere bw’ubuvuzi bwo mu ntara ya Muyinga avyemeza.
VII. Imyidogo ni myinshi ku bavyeyi barereye kw’ishure ryigenga Sun Rise School ryo ku mugwa mukuru w’Intara ya Rumonge. Mu gihe iryo shure ryategerezwa gutangura umwaka w’ishure nk’ayandi kuri uwu wa mbere, iryo shure ntiryuguruye. Imvo, ni uko ryugawe kuko ridakwije ibisabwa. Abo bavyeyi bakaba basaba abarongoye iryo shure hamwe n’abajejwe intwaro gutorera umuti ico kibazo.
VIII. Havugwa ubukene bw’amazi mu ma karitiye  amwe amwe yo mu gisagara ca Gitega. Ababa kuri uwo murwa mukuru wa politike bavuga ko babayeho mu buzima bubi kubera ubwo bukene bw’amazi. Batinya  kwandura indwara zituruka kw’isuku rike. Basaba Regideso kubaha amazi nkuko bayatanga mu makaritiye abamwo abatware no mu nzu zakira ingenzi.
IX. Abanyagihugu bo ku murwa mukuru wa komine Kayogoro, mu ntara ya Makamba, bariyamiriza inyifato ya bamwe mu bapolisi. Ni mu gihe kuri uyu wa mbere, hari umupolisi yashatse gutwara ipikipiki, ayisanze aho yari iparitse, abanyagihugu barayimutesha. Abakora akazi ko gutwara abantu ku mapikipiki basaba ababijejwe gutorera inyishu ikibazo c’impapuro ziranga izo pikipiki, kugira ngo abo bapolisi ntibaze barikika mu kiza.
X. Imigwi y’Uburundi  iri mw’ihiganwa rya Afrika rya volleyball mu Rwanda ntiyorohewe aho biboneka ko ivyo kwiga bikiri vyinshi. Mu mupira w’amaguru naho mu nkino zihuza imigwi muri Afrika,  Messager Ngozi na BUMA-MURU nta n’umwe waronse intsinzi.

Ibindi bisa n'ibi