Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/09/2023

Publié le 13 septembre 2023 par Rédaction
I. Imiryango itari mike yo ku mitumba ya Migunga, Kiryama, Nyungu n’a Ngogomo muri komine ya Gasorwe hamwe na Munyinya muri komine ya Butihinda mu ntara ya Muyinga, iri mu kangaratete inyuma y’imvura nyinshi irimwo urubura be n’umuyaga yaguye ku wa kabiri inyuma y’isaha indwi, nk’ukwo amakuru ava muri ayo ma komine avyemeza. Iyo mvura ikaba yahitanye amazu arenga 50 n’amahegitari ashika 25 y’imirima itandukanye, igizwe n’amatomati, ibitoke, ikawa hamwe n’ibigori vyo mu mwonga. Abanyagihugu bashikiwe n’ivyo vyago bagasaba imfashanyo y’ibisakazo hamwe n’imbuto y’ibigori kuko ngo ni vyo bateye mu mwonga vyaraye bihitanywe n’urubura.
II. Inzu zababa 300 zaraguruwe n’imvura ivanze n’umuyaga mwinshi muri zone ya Buyenzi ya komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura, hari ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri.  Abashikiwe n’ivyo biza bamenyesha ko uretse amabati yagurutse, n’ivyo bari batunze nka vyose vyononekaye, uno munsi bakaba batagira aho bakika umusaya. Bagasaba abajejwe intwaro hamwe n’abagiraneza kubagarukirako.
III. Iduzwa ry’igiciro c’ibitoro riguma ryibonekeza nta kindi rivako atari uko Leta ya Evariste Ndayishimiye itazi gutandukanya inyungu za leta n’iz’umunyagihugu. Ivyo bivugwa na Chauvineau Murwengezo arongoye umugambwe UPD Zigamibanga, aho avuga ko bibabaje kubona umugambwe CNDD-FDD waje ku butegetsi ata mugambi n’umwe ufise wo gutezurira abanyagihugu mu buzima bwabo bwa minsi yose. Ivyo Chauvineau Murwengezo akaba abivuze mu gihe leta iherutse gufata ingingo yo gusubira kuduza ivyo biciro vy’igitoro.
IV. Inkurikizi z’iduzwa ry’ibiciro vy’igitoro zitanguye kwibonekeza aho kuri uno wa gatatu hasohotse Ibiciro bishasha vyo kwiyunguruza na bus mu gisagara ca Bujumbura, no mu ma karitiye yo ku nkengera z’igisagara. Mw’itangazo ubushikiranganji bw’ubudandaji bwashize ahabona, mu gisagara ca Bujumbura, abiyunguruza muri bus bagiye kwongerako amafranga 50 ku yo bahora batanga. Akaba avuye ku mafranga 600 aja ku mafranga 650. Itike ya bus ku biyunguruza mu ma karitiye yo ku nkengera z’igisagara ca Bujumbura ikaba igenda irahinduka bitewe n’urugendo. Mwomenya ko kwiyunguruza na bus vyaheruka kuduzwa ku wa 24 Mukakaro 2023.
V. Mu gihe hasigaye iminsi mike kugira umwaka w’ishuri wa 2023 ushira uwa 2024 utangure, imyidogo ni yose ku bavyeyi b’abana kuko amafranga y’imyambaro y’abanyeshure bita uniformes yaduze. Ariko ngo bariruhutsa kuko amafranga bagura amakaye yagabanutse, bagasaba y’uko vyogenda uko no kuri iyo myambaro.
VI. Mw’ikambi y’impunzi z’abarundi i Nyarugusu muri Tanzaniya, imyidogo ni myinshi cane. Bavuga ko haheze imyaka ibiri bataronswa ifu y’umusururu kugira ngo bagaburire abana babo. Mu gihe uwo musururu wahora ufasha abana kugira amagara meza, abavyeyi bavuga ko batumva igituma iyo fu itagitangwa. Basaba igisata ca ONU kijejwe ibifungurwa kw’isi PAM, kwikubita agashi kigasubira gutanga iyo fu, na cane cane ko yahora ibasahiriza kubera imfashanyo baronka yagabanijwe kabiri.

Ibindi bisa n'ibi