I. Imyaka mirongo itanu n’icenda irarumanye umuganwa Rudoviko Rwagasore yashikanye UBURUNDI ku ntahe yo kwikukira agandaguwe. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Gervais Ndirakobuca, akavuga ko kimwe mu vyerekana ko Uburundi bwikukiye, ari uko bwashoboye bwonyene kwitunganiriza amatora yo 2020 ata mfashanyo mvamahanga isabwe.
II. Imyaka itanu iraheze ubutungane bw’Uburundi ataco buvuze kw’ihonywa ry’umuryango w’umumenyeshamakuru Christophe Nkezabahizi, hari kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu umwaka wa 2015. Umuryango wa Nkezabahizi ukaba waratewe n’abapolisi bajejwe gucungera inzego API, aho wari usanzwe uba muri zone ya Ngagara, Quartier 3.
III. Imvugo ya Petero Nkurikiye umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi, avuga ko abantu bavuga ururimi rw’ikinyarwanda bakwiye gukurikiranwa mu Burundi, ngo ni imvugo ishobora gutuma haba ubwicanyi bw’agahomerabunwa canke ubwicanyi bw’ihonyabwoko. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, aho avuga ko nyabuna mu gihugu kirimwo amategeko, umuntu avuga imvugo nk’iyo yari akwiye guhagarikwa.
IV. Imiryango irenga 20 y’impunzi z’abakongomani bo mu bwoko bw’abanyamulenge yahora iba mu gisagara ca Muyinga, yarirukanywe kuva kuri uyu wa gatandatu, n’igipolisi gifatanije n’abajejwe intwaro muri iyo ntara. Iyo miryango yirukanywe ikabifata nk’agatotezo, kuko bagenzi babo bo mu bwoko bw’ababembe n’abafurero batigera bakomwakomwa.
V. Urunani rw’abashingwamanza bashigikiye ibikorwa vya sentare mpuzamakungu mpanavyaha CB-CPI, rwasohoye icegeranyo aho ruvuga ku vyerekeye agateka ka zinamuntu n’ukurwanya ukudahana mu Burundi. Kubw’umushingwamanza Lambert NIGARURA arongoye urwo runani, ngo icizere c’ihinduka ryari ryitezwe mu Burundi ryaratevye gushika, hambavu y’ukwo gutoteza abantu bikibandanya, eka ngo n’icizere c’uko ubutungane bwigenga mu Burundi caragabanutse.
VI. Abavyeyi bibarukira mu bitaro vy’i FOTA mu ntara ya Mwaro, bugarijwe n’ingorane zo kubura aho babundikira abana bavuka batageze. Abavyeyi bishika ko abana bakenera kubundikirwa baca baja mu bitaro vyo mu Kibumbu canke vy’I Kiganda, aho bimenya, kuko ivyo bitaro na ruseha abaniha yaho imaze igihe yarapfuye. Amakosa akegekwa ku muyobozi w’ibitaro ko ataco akora kugira hatorwe inyishu kuri izo ngorane zugarije ibitaro vy’i FOTA.