Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/11/2019

Publié le 13 novembre 2019 par Rédaction

I. Abanyagihugu bo muri zone Buterere baratekewe n’ubwoba inyuma yaho hafatiwe bamwe muri bo bakaja gufungwa bagirizwa kwanka ko imiduga izana iyarara aho ku Buterere. Bagatunga urutoke kuri bamwe bashaka kukigira ikibazo ca politike mugihe ari ikibazo co kwanka ko abanyabuterere bicwa n’indwara z’imyanda. Abanyagihugu bibutsa ko ababandanya guta imicafu ngaho ku Buterere bariko bahonyanga ingingo y’umushikiranganji w’ibidukikije isaba ko iyo micafu ijanwa ku muzinda mu ntara ya Bubanza.

II. Ibitsindo bibiri ku busa nikwo urukino hagati ya Centrafrique n’Uburundi rwasozerewe, Uburundi butsinzwe mu rukino rwo kurondera ibihugu bizoja mu gikombe ca Africa kizobera muri Cameroun mu mwaka 2021. Mugenzi wacu Désiré Hatungimana akurikiranira hafi inkino amenyesha ko uko gutsindwa bitamutangaje bivanye n’abakinyi babayabaye  Olivier Niyungeko yatwaye muri ico gihugu.

III. Ngo nta mugambi wo kugandagura Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL, bishikirizwa na Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL mu rwandiko yashize ahabona uno munsi.  Ku bwiwe ni vyaba ari vyo, asaba Agathon Rwasa kubisigurira abanyamigambwe n’abajejwe intwaro, basanze ari vyo, imigambwe igahagurukira rimwe ikiyamiriza uwo mugambi, leta nayo igashengeza abagirizwa.

IV. Uwurongoye umugambwe CNL muri komine Muhuta intara ya Rumonge arapfunzwe haraheze imisi irenga indwi. Abarongoye umugambwe CNL muri iyo ntara bakaba biyamiriza iryo pfungwa.

V. Abanywanyi barenga cumi b’umugambwe CNL bo muri komine Rango mu ntara ya Kayanza barafashwe kuva kuri uno w’Imana gushika kuri uno wa gatatu n’urwaruka rw’imbonerakure inyuma y’inama umugambwe CNL wari watunganije kuri uno w’Imana ku murwa mukuru wa komine Rango. Ivyo bikaba vyabereye ku mitumba Musagara na Nyabiyogi.

VI. Umuntu umwe yari yitwaje gerenade 3 yitavye Imana, kuri uwu wa gatatu ahitanywe na kimwe mur’ivyo bigwanisho yari yitwaje, abandi banyagihugu 3, bariko bashaka kumuhagarika barakomereka , ivyo bikaba vyabereye mu gacimbiri Migezi, umutumba Kibogoye, zone Muyinga, muri komine Muyinga nyene, nk’ukwo umwe mu banyagihugu bo kuri uwo mutumba yabibonye yavyiganiye radio Inzamba. Jérémie Nyabenda, akaba yateye grenade ya mbere abantu bariko bagerageza kumufata, iya kabiri ngo yashaka gutera umupolisi mu bariko bamukurikira ikaba yaciye imuhitana, iyigira gatatu nayo ikaba itaturitse, ikaba yagiye gusamburwa n’ igipolisi, nk’ukwo amakuru atandukanye avyemeza. Nyabenda Jérémie akaba ngo yahora ari umupolisi, imbere yo kwirukanwa muri urwo rwego abanje gufungwa.

Ibindi bisa n'ibi