I. Ivyaha vyo kuburwa irengero bibandanya kuvugwa mu Burundi, reta ntigire ico ibivuzeko. Mw’ishirahamwe Iteka riharanira agateka ka muntu, bavuga ko mu gihe abatabariza ababo batabona utwigoro twa reta two gukora amatohoza, ari ikimenyetso c’uko reta ubwayo ifise uruhara ku bantu babandanya kuburwa irengero. Ligue Iteka ibishikiriza mu gihe abagabo babiri baheruka kuburwa irengero, Emmanuel Ndayikeza avuka mu ntara ya Makamba, be na Maitre Jean Marie Nzotungwanimana, ababo bakaba bakibarangisha iyo boba baratwawe. Anschaire Nikoyagize arongoye Ligue Iteka.
II. Ibiganiro bidakumira vyasabwe n’umunyamabanga mukuru wa ONU mu cegeranyo aherutse gushira ahabona, bishobora kuba nk’indoto kuko inzego nshasha zirongoye igihugu zamaze gushirwaho. Ivyo bivugwa na bamwe mu barundi bavuganye na Radio Inzamba. Abandi babona ko amahoro aruta vyose ko rero ubutegetsi bwokwemera kwicara hamwe n’ababurwanya, kugira impore igaruke mu gihugu.
III. Urunani rw’abarundi baba muri Canada ruratewe umutima uhagaze n’ifungwa ridakurikije amategeko ry’uwahoze ari umushingamateka Fabiyano Banciryanino, afungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Kubwa Appolonie Simbizi, icegera c’umunyamabanga nshingwabikorwa muri urwo runani, ngo ifungwa ryiwe ryerekana ko intwaro ya CNDD-FDD idashobora kwihanganira uwo wese azohirahira ngo ashire ahabona amabi akorwa n’uwo mugambwe. Akamenyesha kandi ko urwo runani rutewe ubwoba n’amagara yiwe ariko arasinzikarira mu gasho.
IV. Ubukene bw’intebe bwabaya ndanse mu mashure atari make yo mu ma komine ya Muyinga, Giteranyi na Butihinda y’intara ya Muyinga, ngo ni kimwe mu zindi ngorane zihanze indero muri iyo ntara. Ivyo bishikirizwa n’abajejwe indero mu ma nama abashingamateka bariko bagirana n’abarongoye abandi mu ma komine y’intara ya Muyinga.
V. Impunzi z’abarundi ziba mw’ikambi ya Lusenda mu gihugu ca Congo zirarajwe ishinga n’imicapfu basanga mu mazi ava mu ma robinet aherutse kubakwa muri iyo kambi. Bavuga ko batewe ubwoba cane cane n’amagara y’abana babo, bagasaba ababijejwe kwiga ico kibazo hakiri kare, kitaratera ibindi bibazo ngo vyunyure ubuzima bugoye impunzi zisanzwe zibayemwo mw’ikambi.