I. Hagize iminsi hibonekeza iduzwa ry’ibiciro vy’ibifungurwa mu masoko atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura, ni ku mugwa mukuru w’ubutunzi. Abasanzwe basuma bavuga ko bidatahuritse kubona abadandaza baduza ibiciro uko bishakiye, kandi abajejwe intwaro babona. Basaba ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi guhagurukira ico kibazo, ku neza y’abanyagihugu.
II. Abagabo babiri bari bamaze indwi zibiri bafungiwe mu gasho k’igipolisi mu ntara ya Bururi bagirizwa ko bahanahanye amakuru ku buhinga ngurukanabumenyi Whatsapp banegura intwaro, ngo bafashwe hahonyanzwe amategeko y’igitabo mpanavyaha c’Uburundi. Ivyo bivugwa n’umuhinga mu vy’amategeko. Umushingwamanza Janvier Bigirimana asigurako abo bantu uko ari babiri ata caha kiboneka bakoze. Ahubwo ifungwa ryabo ryari rinateye kubiri n’amategeko ajanye n’uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro.
III. Twobamenyeshako abo bagabo babiri bari bafunzwe ari umwigisha yitwa Léonce Kamatari hamwe n’umukukuruke mu gipolisi c’Uburundi Longin Bigirimana amakuru radiyo Inzamba ifise akemeza ko abo bagabo baraye bafunguwe ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu.
IV. Ugutegeka abigisha gutanga amahera yo kwubaka stade, gusaba abavyeyi amafaranga y’agashirukabute k’abigisha b’abakutsakivi, canke k’abigisha bigisha amasaha arenze kuyo basanzwe bigisha, nayo kwubaka izindi nyubakwa z’ishure n’ubusuma bugirwa n’abarongoye amashure. Eulalie Nibizi abivuze inyuma yaho havugiwe imyidogo mu bigisha n’abavyeyi bategekwa gutanga ayo mahera mu ntara za Gitega, Ngozi, meri ya Bujumbura n’ahandi. Kuri uyo aharanira agateka ko kwiga ku bana, aho kwidoga bari bakwiye kwitwarira abo bayobozi b’amashure kuko ayo mahera basabwa ataho yanditse.
V. Eulalie Nibizi abona ko umushikiranganji ajejwe indero, n’abayobozi b’amashure, bari bakwiye gukora ivyo bajejwe aho kubandanya banunuza abavyeyi n’abigisha basanzwe ata mikoro manini bafise.
VI. Imigenderanire igiye gukomezwa hagati y’igihugu c’Uburundi n’igihugu ca Emirats Arabes Unis. Ivyo bishikirizwa n’icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Alain Désiré Nzeyimana. Ni mu gihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yashoboye kubonana n’abagwizatunga bo muri ico gihugu bipfuza kuzana imitahe yabo mu gihugu c’Uburundi.
VII. Ikibazo c’ukurangura hanze igitoro gikoreshwa mu Burundi ni ico dushimikirako mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi.