Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/12/2019

Publié le 13 décembre 2019 par Rédaction

I. Umwe mu ndongozi z’umugambwe CNL muri komine NYABIRABA, y’intara ya Bujumbura, Désiré NTAHONDABASIGIYE, yaraye yishwe arashwe n’abantu bataramenyekana, bamusanze ku rugo iwe ruri ku mutumba Musenyi, muri komine Nyabiraba. Amakuru ava mu banywanyi b’umugambwe CNL, avugako yari amaze imisi aterwa ubwoba n’imisore y’imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Muri kino gihe abanywanyi b’umugambwe CNL muri komine Nyabiraba bamwe bakaba baturatura kugutinya kwicwa. Abajejwe intwaro barahumuriza bakavuga ko amatohoza kuri urwo rupfu yatanguye.

II. Ihagarikwa ry’umunyarwanda aba muri zone Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura, kuri uyu wa kane ku mugoroba, rirahagaritse umutima bamwe mu muryango wiwe. Uwo munyarwanda yarakubiswe cane n’umupolisi yambaye impuzu z’igisivile, imbere y’uko atwarwa n’abapolisi hamwe n’abakozi b’iperereza. Umuryango wiwe ukavuga ko utinya ko yokwicwa.

III. Abanywanyi babiri b’umugambwe CNL muri komine Bugarama, intara ya Rumonge, barapfunzwe kuva kuri uyu wa kane. Bagirizwa kuba barahungabanije ibikorwa vy’umugwi w’igihugu ujejwe amatora CENI.  Abarongoye uwo mugambwe muri komine, barahakana ivyo abo banywanyi babo bagirizwa.

IV. Ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi, rimenyesha ko agateka k’abanyororo katubahirijwe, aho mbere harimwo n’abankirwa kuja kwa muganga kwivuza. Bikaba biri mu cegeranyo c’ukwezi guheze kwa Munyonyo. Me Jean Claude Ntiburumunsi wo mu gisata c’amategeko muri ACAT-Burundi.

V. Umusirikare w’ipete rya sergent mw’i bataillon ya 54 ya AMISOM iri muri Somaliya, yarafashwe ku munsi wa gatatu w’ino ndwi ashatse kwibisha ibikono 20 vy’amasasu y’inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov. Ubwo busuma akaba yabufashijwemwo n’abanya somaliya basanzwe barangurira ibikorwa mu biro bikuru bita Etat-major contingent. Ivyo bikono bikaba vyari bigiye kugurishwa amafaranga angana n’ama dollars 20 kimwe.

VI. Umugambwe CDP, usaba leta kugira ingendo ya demokarasi, abanyapolitike bose bagafatwa kumwe ku rubuga. Ivyo umukuru w’umugambwe Anicet NIYONKURU yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, inyuma y’aho asubiriye kwemeza ko yatahutse n’abo basangiye umugambwe kugira baje mu matora yo mu mwaka wa 2020.

Ibindi bisa n'ibi