Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/12/2022

Publié le 13 décembre 2022 par Rédaction
I. Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yarasubiye gushirwa ku rutonde rw’abategetsi batemerewe guhonyora ku butaka bwa leta zunze ubumwe za Amerika. Bamwagiriza guhungabanya agateka ka zina muntu mu Burundi. Iyo ngingo ikaba yafashwe ku wa gatanu uheze, igafatwa inyuma y’amezi makeya Amerika n’umuryango w’ibihugu vya buraya bakuye ibihano kuri bamwe mu bategetsi bari barafatiwe ibihano, harimwo Alain Guillaume Bunyoni nyene hamwe n’uwamusubiriye mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere, Gervais Ndirakobuca.
II. Iyo ngingo rero ntitanganje cane ku banyapolitike batavuga rumwe na leta. Jérémie Minani arongoye umugambwe RDB atangazwa ahubwo n’ukubona ivyo bihano bifatirwa Bunyoni wenyene, mu gihe ayo mabi bayakoze ari benshi mu bari ku butegetsi.
III. Iyo ngingo ishimisha kandi n’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi FORSC. Ku bw’umushingwamanza Vital Nshimirimana arongoye FORSC, ngo iyo ngingo yerekana ko amakungu agihanze ijisho ibikorerwa mu gihugu. Aributsa kandi ko iyo ngingo yerekana ko umuntu wese afise ico yagirwa, bitebe bitebuke azobibazwa.
IV. Umuryango w’umukenyezi Alice Ntahokagiye ukwiye kuronswa ubutungane, kw’igandagurwa ryakorewe uwabo, abagirizwa icaha bagakurikiranwa n’ubutungane. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu. Ni mu gihe, k’igenekerezo rya gatanu Kigarama uno mwaka, hatowe ikiziga c’uwo mukenyezi mu Ngagara quartier y’icenda 9, mu gisagara ca Bujumbura. Umukenyezi yahavuye amenyekana ko yitwa Alice Ntahokagiye, avuka ku Mutakura, afise imyaka mirongo itatu n’itanu 35, yahoze akora muri Pharmacie Salama mu gisagara ca Bujumbura. Abamubonye ubwa nyuma bakemeza ko yasinzikarijwe ubuzima mu rugo rwa Général Isidore Ndihokubwayo. Umushingwamanza Janvier Bigirimana abandanya asaba leta kutica amatwi, igakurikirana uwo yagirizwa, kuko ata mwana n’ikinono.
V. Umunyororo w’ubuzima bwabo bwose n’ukuriha indishi y’akababaro ku muryango wabuze ingana n’imiroyoni 30,  ni co gihano ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere umushikirizamanza mukuru wa parquet ikukira sentare isubiramwo imanza i Ngozi, yaraye asabiye mu ntahe y’icese abagabo babiri aribo Musafiri Niyonkuru yahoze ari umukuru w’umuhari w’imbonerakure mu ntara ya Ngozi na Gérard Ntahomvukiye. Bakaba bagirizwa urupfu rwa Bernard Nsabimana batazira Petit yaba mu gisagara ca Ngozi yishwe kw’igenekerezo  rya 4 Ruhuhuma uno mwaka. Abandi babiri bagirizwa kuba barifadikanije n’abo ba mbere muri ico caha, bakaba basabiwe gupfungwa imyaka 20. Urubanza rwaciye ruja mu mwiherero, rukazosomwa itariki 12 z’ukwezi kwa mbere buca gutangura.
VI. Abarundi 12 000 basaba ubuhungiro mu gihugu ca Congo iharanira demokrasi begeranirijwe mw’ikambi y’agateganyo ya Mulongwe barataka bagatakamba ko bagiye kwicwa na kigoyi. Bavuga ko kuva kw’igenekerezo rya ndwi z’uku kwezi kwa 12 ari naho bashika muri iyo kambi y’agateganyo, batarasubira kuronswa agafashanyo k’ibifungurwa n’ibindi bikoresho vya nkenerwa. Basaba abagiraneza kubagarukira ko, ahandi ho ngo bagiye kugwa mu bana.

Ibindi bisa n'ibi