I. Hari ibimenyetso bimwe bimwe vyerekana ko abagirizwa ubwicanyi mu Burundi bashitse hanze y’igihugu bibakorako. Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre Nkurikiye, yarasubiye mugihugu, inyuma y’imisi mikeya yari amaze mugihugu c’Ububirigi aho yaragiye kubandanya ivyigwa kuri kaminuza y’i Namur. Umushingwamanza Lambert Nigarura, arongoye urunani rw’amashirahamwe ashigikiye ibikorwa vya sentare mpuzamakungu mpanavyaha, avuga ko yoba yasubiye inyuma kugutinya ko ubutungane bumuhagarika kubera ugushigikira ubwicanyi mu Burundi. Akaba yoba yavuye mu Bubirigi muntango z’indwi iheze.
II. Abantu batatu barishwe, abandi batatu baraburwa irengero, 7 nabo barahagarikwa bidakurikirije amategeko. Ivyo biri mu cegeranyo kigira 196 c’umuhari Iteka gisohoka buri yinga. Andrée Nsabimana ari mugisata co kumenyesha amakuru muri uwo muhari, akaba adoma urutoke ku rwaruka rw’imbonerakure be na bamwe mu bajejwe iperereza kuba bari kw’isonga ry’ayo mabi .
III. Integuro y’itegeko rijanye no kwandikisha amatongo ryemejwe n’inama nshingamateka kuri uyu wa mbere. Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana, akaba yamenyesheje ko rizofasha abanyagihugu mu bitari bike hamwe inama nkenguzamateka yoryemeza, umukuru w’igihugu nawe akaritera ko igikumu.
IV. Urunani rw’abaserukira impunzi zahungiye mu Rwanda, rwatanguje isekeza ryo gutororokanya imfashanyo yo kurihira abana bahungiye mu Rwanda, badafise uburyo. Ikonti ikaba yuguruye kuri uwo wese yifuza guterera amafranga. Urwo runani rukaba rukeneye amafranga yababa imiriyoni amajana icenda y’amanyarwanda kugira abo bana bashobore kwiga. Patrice Ntadohoka arongoye urwo runani.
V. Kugira impunzi z’abarundi zahungiye mu bihugu bitandukanye, zishobore gutahuka mu gihugu c’amavukiro, ngo n’uko Petero Nkurunziza n’akarwi barikumwe boba batakiri ku butegetsi, hamwe n’ukwo intwaro yashizweho n’umugambwe CNDD-FDD, yiganjemwo ukudahana vyoba vyahavuye. Ivyo bikaba biri mu cegeranyo c’umurwi wishinze kugira ubushakashatsi, gushigikira no guteza imbere utwigoro two gutsimbataza intwaro rusangi mu karere k’ibiyaga binini “GRADIS”. Ubushakashatsi bw’ iryo shirahamwe bukaba bwagizwe mu makambi y’impunzi arimwo abarundi, mu ntumbero yo kumenya ico impunzi zahunze igihugu zigona n’icokorwa kugira zishobore gutahuka.
VI. Syndicat y’abigisha SEPEDUC, isanzwe itemera urunani rw’ama syndicat COSSESSONA isaba ishimitse ko indongozi z’ama syndicat 3 zipfunzwe zorekurwa, kuko ataco zizira kiretse kwiyamiriza ikatwa ry’amafaranga ku bigisha bose kandi batabigishijwe inama. Ivyo vyashiririjwe kuri uyu wa kabiri, na Egide Nkeshimana, icegera c’uwurongoye syndicat SEPEDUC mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru, inyuma y’inama bagiranye na CNIDH n’urunani COSSESSONA. Nkeshimana akavuga ko n’ubu ata mwigisha bazokwemera ko akatwa amafaranga ku mushahara kandi atari mu runani COSSESSONA.