Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/01/2021

Publié le 14 janvier 2021 par Rédaction
I. Umwana w’umuhungu w’imyaka 8 yaba Ku mutumba Musenga, zone Cumba, muri Komine n’intara ya Muyinga, hari haheze hafi ukwezi  bivugwa ko yabuzwe irengero. Ku musi wa kabiri, niho haboneka imva yiwe mw’itongo ry’umuvyeyi se wiwe, nkuko amakuru ava aho i Musenga abimenyesha. Amakuru atandukanye akemezako uwo mwana yishwe na muka se, Claudine Dusenge, maze akamuhamba mu mpisho. Niko gutanga amakuru ko umwana yabuzwe irengero. Ahahambwe uwo mwana hakaba hamenyekanye Kuri uwu wa kabiri uheze herekanywe n’abana bariko barasenya, nkuko ayo makuru avyemeza. Ikiziga c’uwo mwana kikaba carakuwe aho cari catawe kija gufubanwa iteka n’abajejwe Intwaro babifashijwemwo n’igipolisi kijejwe gukinga impanuka no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe. Claudine Dusenge akaba yaramaze hafi ukwezi ari mw’ibohero aho yahanishijwe umunyororo wo guherayo.
II. Ingingo yafashwe ku musi wa kabiri  n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere ry’ama komine n’umutekano,  ihamagarira  abiyunguruza mu miduga rusangi gufata ingendo bambaye agafukamunwa guhera Kuri uyu wa Kane, mu ntumbero yo gukinga irwirirana ry’umugera wa corona, yakurikijwe muri rusangi nkuko vyagaragaye mu modoka zunguruza abantu ari mu ntara ya Muyinga no mu ma karitiye atari make yo mu gisagara  ca Bujumbura.
III. Imyidogo ni myishi mu ngenzi  ziri mw’ihoteli yitwa Niwakale iri mu karitiye ya Nyakabiga, mu gisagara ca Bujumbura. Abo barundi bashizwe muri iyo hoteli bavuye mu bihugu vyo hanze, bababazwa n’ukuntu bataronka aho barara kubera ubwinshi bw’abantu bahashikiye, kugira bapimwe ikiza corona. Umwe mubahashikiye yavuganye na radio Inzamba avuga ko hari abantu bamaze imisi 2 barara hanze, kandi barahejeje ikiringo bategerezwa kumara, n’ubu batararonka inyishu y’ibipimo.
IV. Ubwoko bugira gatatu bw’umugera wa covid 19 buramaze kwibonekeza muri amazonie mu gihugu ca Brésil. Buje bwiyongera ku bundi bubiri buvugwa mu gihugu c’Ubwongereza na Afrika y’epfo, biteye umutima uhagaze igisata ca ONU kijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS, aho kivuga ko uyu mwaka wa 2021 ushobora kuzoba mubi gusumba uwuheze.  Abahinga 13 ba OMS bakaba babivuze kuri uyu wa kane, mu nama yabo idasanzwe iriko ibera i Wuhan mu Bushinwa, aho bagiye gutohoza ku mamuko ya Covid 19.
V. Inyuma yaho imwe mu mpunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya igandaguwe n’umugwi w’abantu bitwaje ibirwanisho, mw’ijoro ryo kuri uno wa kabiri rishira uwa gatatu, uwurongoye CFOR Arusha Frederiko Bamvuginyumvira asaba ishirahamwe HCR be n’igihugu ca Tanzaniya kudafata minenegwe ikibazo c’umutekano w’izo mpunzi. Na yo umuryango w’uyo yishwe ngo wokora ibishoboka vyose ukitwara, kugira ngo hamenyekane abakoze ako kabi.
VI. Impunzi z’abarundi ziba mu gihugu ca Ouganda bavuga ko umutekano wabo wifashe neza muri iki gihe hariko haraba amatora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka. Ariko rero bakaba batewe amakenga n’ihagarikwa ry’imihora yo gutumatumanako bigatuma badahanahana amakuru. Frédéric Ndayisenga abaserukira, arasaba impunzi kwicungera na cane cane mu kwiyegereza abajejwe intwaro no gutanga amakuru ku gihe.
VII. Bamwe mu bakokayi bahurikiye mu runani rw’abakokayi mu gihugu cose, bariyamiriza igenwa rya Lewis Niyongabo ngo arongore urwo runani, mu gihe amategeko avuga ko uwutwara urwo runani atorwa n’abakokayi ubwabo. Bavugako ivyiswe amatora atari amatora, kuko abatoye atari abakokayi. Basaba ko amategeko yokubahirizwa bo nyene akaba ari bo bitorera ababarongora.

 

Ibindi bisa n'ibi