I. Umuntu umwe yaritavye Imana aguweko n’ibihome vy’inzu ku muhingamo wo kuri uyu wa kane. Bikaba vyavuye ku mvura y’igihuhusi ivanze n’urubura, yaguye ku musozi Ruhagarika, komine Buganda, mu ntara ya Cibitoke. Amakuru dukura kuri uwo musozi avuga ko iyo mvura yononye n’ibindi bintu bitari bike harimwo n’amazu.
II. Umugabo azwi kw’izina rya Minani Yuvinari yarasanzwe apfungiwe mu gasho k’inyamiramabi i Muyinga yarapfuye, ku muhingamo wo kuri uno wa kane ku bitaro bikuru vy’i Muyinga. Minani Yuvinari akaba yari yimuriwe aho i Muyinga akuwe mu gasho k’inyamiramabi ka komine Giteranyi.
III. Abantu bababa 900 ni bo bamenyekanye ko bagandaguwe mu mwaka uheze wa 2021, bamwe barakorerwa amabi afatiye ku gitsina, abandi baraborezwa igufa hakaba n’abahagaritswe bidakurikije amategeko. Muri abo bagandaguwe, 57 bagandaguwe n’inzego z’umutekano hamwe na ya migwi y’imbonerakure. Ku bw’icegeranyo c’umuhari Ligue Iteka, muri ico gitigiri kandi harimwo abakenyezi n’abana bagandaguwe bakorerwa n’ayandi mabi atandukanye. Celestin Ruribikiye, ajejwe kumenyesha amakuru mu muhari Ligue Iteka.
IV. Urunani COSESSONA ruhurikiyemwo ama sendika y’abigisha mu gihugu cose rwagabishije kuri uyu wa gatanu, mu kiganiro rwahaye abamenyeshamakuru, ko rugiye kugira yegereyegere inyuma y’aho ubushikiranganji bw’indero bufashe ingingo yo gutunganya ku nguvu ikibazo kizohabwa abigisha bari ku kazi, mu ntumbero yo gutoramwo abigisha bazokarihirizwa ubwenge. Vénant Sibomana arongoye sendika SYPESBU asaba leta y’Uburundi gufuta ata gisabwe integuro ijanye n’ivyo bibazo, iheze itegure vuba ibiganiro nyavyo bishika ku muti urama.
V. N’aho biruko, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero yaramenyesheje mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwashize ahabona kuri uyu wa kane, ko ata mwarimu azokwirukanwa mu kazi ngo n’uko yaronse amanota make muri ico kibazo. Liboire Bigirimana ni umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero.
VI. Ishirahamwe rivuza abakozi ba leta, Mutuelle de la fonction publique, rirasaba abadandaza b’imiti bose bakorana na mutuelle gutanga imiti yose ku buntu ku bakukuruke ba leta imiti yanditswe ku rupapuro rutanzwe na muganga. Biri mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe rya Mutuelle kw’igenekerezo rya 11 uku kwezi turimwo. Iyo ngingo ikaba ishitsweko inyuma y’amasezerano yo gufashanya hagati y’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ishirahamwe mutuelle, amasezerano yateweko umukono kw’igenekerezo rya 5 nzero uyu mwaka.
VII. Ishirahamwe rihurikiyemwo abarundi baba mu gihugu ca Canada, ABC Canada, ririyamiriza ryivuye inyuma itotezwa rigize imisi rikorerwa impunzi z’abarundi ziba mu makambi y’igihugu ca Tanzaniya na cane cane Nduta na Nyarugusu. Iryo shirahamwe rikibaza ko ivyo vyose leta ya Tanzaniya iriko ibikora, mu ntumbero yo gushaka kwomora no gutahisha ku nguvu izo mpunzi biciye kubiri n’amategeko. Rigasaba iyo leta ya Tanzaniya kwisubirako, bitagenze uko naho ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’impunzi HCR ngo ryorondera ikindi gihugu cokwakira izo mpunzi. Appolonie Simbizi ari mu rwego nshingwantwaro mw’ishirahamwe ry’abarundi baba mu gihugu ca Canada, ABC Canada.
VIII. Mu nkino z’igikombe ca Africa ziriko zibera mu gihugu ca cameroun, kugeza ubu igihugu ca Cameroun co nyene ni co kimaze kuronka uburenganzira bwo kuja mu gice c’umunani gishira ica nyuma. Sénégal na Guinée zanganije ubusa ku bundi, ivyo bihugu bikaba bikwije amanota 4 bishobora na vyo nyene kuba vyaronse iyo tike y’igice c’umunani gishira ica nyuma, ariko n’ukurindira inkino zose zo mu migwi zikabanza guhera. Izindi nkino zo kuri uno wa gatanu ni uruza guhuza Malawi na Zimbabwe. Ivyo bihugu vyose vyatsinzwe ku rukino rwa mbere, ikiramuka gitsinzwe gica gisezera amahiganwa. Maroc nayo ikaramuka itsinze Comores, ica ihamvya Cameroun co kimwe na Gabon iramutse itsinze Ghana. Kuri uno wa gatandatu hategekanijwe inkino zibiri. Isaha cumi na zibiri Nigeriya izokina na Sudani, nayo isaha zibiri z’ijoro Misiri itane mu mitwe na Guinée Bissau.