I. Abantu babiri mu bahora bahohotera impunzi z’Abarundi bahungiye mu kambi ya Maheba mu gihugu ca Zambia, bafashwe n’igipolisi ca Zambia kuri uyu wa gatanu. Bafatanywe imiti yo gufyitiriza harimwo insato z’uruvuruvu.
II. Ingene abahuye n’ivyago bikurikiranwa na sentare mpunzamakungu mpanavyaha bashigikirwa, nivyo dusigurirwa n’urunani rw’amashirahamwe ashigikiye ibikorwa vya sentare mpuzamakungu CB-CPI, rurikumwe n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru rikurikiranira hafi ibikorwa vy’iyo sentare, mw’isekeza bamazemwo igihe. Umushingwamanza Gustave Niyonzima akaba ari icegera c’uwurongoye CAVIB, ishirahamwe rifasha kuburanira abahuye na mwene ivyo vyago, arabituyagira.
III. Ukutihanganirana hagati y’abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi n’abanywanyi b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa, nivyo vyaranze aha nini ukwezi kwa mbere. Ivyo biri mu cegeranyo c’ukwezi kwa mbere guheze c’ishirahamwe ry’abantu baharanira agateka kazina muntu RCP Réseau des Citoyens probes. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe agasaba abarongoye igihugu guhagarika ukutihanganirana, kugira amatora buca bajamwo aze agende neza.
IV. Amabarabara yo mu ntara zitandukanye z’u Burundi, yazindutse azibijwe ibiti n’amabuye. Izo ntara ni Bubanza, Bujumbura, Kayanza, Muyinga, Mwaro, Rutana na Rumonge. Ababikoze ntibaramenyekana, n’ico boba babikoreye na co ntikiramenyekana.
V. Icaha c’uburozi ntaho canditswe mu gitabo mpanavyaha vy’Uburundi. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, n’inyuma y’aho abagwizatunga 2 bo mu Kayogoro bafunzwe, bagirizwa uburozi bakaba bafunzwe ata n’ama dossier bafise. Uwo mushingwamanza agasaba abanyagihugu kwanka akarenganyo bakorerwa n’imbonerakure.
VI. Biragoye kuvuga imyaka amagufa y’abantu bagiye bagandagurwa amaze, kuko ubuhinga busanzwe bukoreshwa busaba ko aba amaze imyaka irenga amajana abiri canke irenga. Ivyo bishikirizwa na Pierre Claver NDAYICARIYE, arongoye umurwi ujejwe kumenya ukuri n’ukurekuriranira, mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu , gurtyo uwo mugwi ngo uca wikora ku vyabona.